SEARCH DATABASE
The Global Gender Equality Constitutional Database is a repository of gender equality related provisions in 194 constitutions from around the world. The Database was updated in partnership with the International Bar Association's Human Rights Institute (IBAHRI) and with support from the Swedish International Development Agency (SIDA) and the Government of Japan. Experience its wealth and depth of information by starting your search now.
ABOUT 127 RESULTS
Head of State
Burundi
- EnglishThe candidate for the functions of President of the Republic must:
1. Have the quality of elector within the conditions specified by the electoral law;
2. Solely enjoy the Burundian nationality of origin [d’origine];
3. Be already [révolus] forty years old at the moment of the election;
4. Reside on the territory of Burundi at the moment of the presentation of their candidature;
5. Enjoy all their civil and political rights;
6. Subscribe to the Constitution and to the Charter of National Unity.
… (Art. 98) - KirundiUwitoza mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu ategerezwa:
1. Kuba afise uburenganzira bwo gutora nk’uko bitegekanijwe n’Ibwirizwa rigenga amatora ;
2. Kuba afise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye;
3. Kuba akwije imyaka mirongo ine igihe c’amatora ;
4. Kuba aba mu Burundi igihe yiyandikisha ngo yitoze ;
5. Kuba ata kimubuza kurangura amabanga y’igihugu n’ayaporitike;
6. Kwemeza mu rwandiko ko azokwisunga Ibwirizwa Shingiro n’Amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi.
… (Ingingo ya 98) - FrenchLe candidat aux fonctions de Président de la République doit:
1. Avoir la qualité d’électeur dans les conditions précisées par la loi électorale ;
2. Jouir uniquement de la nationalité burundaise d’origine;
3. Etre âgé de quarante ans révolus au moment de l’élection;
4. Résider sur le territoire du Burundi au moment de la présentation de sa candidature;
5. Jouir de tous ses droits civils et politiques ;
6. Souscrire à la Constitution et à la Charte de l’Unité Nationale.
… (Art. 98)
Vice-President
Burundi
- EnglishThe President of the Republic is the Head of the executive power. He is assisted in his functions by a Vice President of the Republic. (Art. 93)
- KirundiUmukuru w’Igihugu ni we atwara Ubutegetsi nshingwabikorwa. Yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu mu kurangura amabanga ashinzwe. (Art. 93)
- FrenchLe Président de la République est le chef du pouvoir exécutif. Il est assisté dans ses fonctions par le Vice-Président de la République. (Art. 93)
Vice-President
Burundi
- EnglishThe President of the Republic and the Vice President belong to different ethnic groups, political parties and coalitions of political parties or [are] independents of different ethnicities. (Art. 124)
- KirundiUmukuru w’Igihugu ava mu bwoko canke mu migambwe, mu nani z’imigambwe canke mu bitoje ku giti cabo bitandukanye n’ivy’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 124)
- FrenchLe Président de la République, et le Vice-Président appartiennent aux groupes ethniques, aux partis politiques et indépendants différents. (Art. 124)
Vice-President
Burundi
- EnglishThe Vice President is appointed by the President of the Republic after prior approval of his candidature by the National Assembly and the Senate voting separately and with an absolute majority of their members. He is chosen from among the elected [candidates] and must solely enjoy the Burundian nationality of origin.
… (Art. 123) - KirundiIcegera c’Umukuru w’Igihugu agenwa n’Umukuru w’Igihugu abanje kwemezwa n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ku majwi arenga ica kabiri c’abatoye, urwego rwose rutorera ukwarwo. Icegera c’Umukuru w’Igihugu ashimwa mu batowe.
… (Ingingo ya 123) - FrenchLe Vice-Président est nommé par le Président de la République après approbation préalable de sa candidature par l’Assemblée Nationale et le Sénat votant séparément et à la majorité absolue de leurs membres. Il est choisi parmi les élus.
… (Art. 123)
Vice-President
Burundi
- EnglishIn the exercise of his functions, the President of the Republic is assisted by the Vice President of the Republic. (Art. 122)
- KirundiMu kurangura amabanga y’igihugu, Umukuru w’Igihugu yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 122)
- FrenchDans l’exercice de ses fonctions, le Président de la République est assisté par le Vice-Président de la République. (Art. 122)
Government
Burundi
- EnglishThe President of the Republic, on a proposal of the Prime Minister, in consultation with the Vice President, appoints the members of the Government and terminates their functions. (Art. 109)
- KirundiUmukuru w’Igihugu ni we agena akongera akabogoza abagize urwego nshikiranganji abanje kugisha inama Icegera c’Umukuru w’Igihugu n’Umushikiranganji wa Mbere. (Art. 109)
- FrenchLe Président de la République, en consultation avec le Vice-Président et le Premier Ministre, nomme les membres du Gouvernement et met fin à leurs fonctions. (Art. 109)
Government
Burundi
- EnglishThe activities of the Government are coordinated by a Prime Minister appointed by the President of the Republic, after prior approval of his candidature by the National Assembly and the Senate voting separately and with an absolute majority of their members.
The Prime Minister must solely enjoy the Burundian nationality of origin. (Art. 130) - KirundiIbikorwa vya Reta bikurikiranirwa hafi n’Umushikiranganji wa Mbere agenwa n’Umukuru w’Igihugu, abanje kwemezwa n’abagize Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka bamwe bose bagatora ukwabo ku bice birenga ica kabiri c’abatoye.
Umushikiranganji wa Mbere ategerezwa kuba afise ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye. (Ingingo ya 130) - FrenchLes activités du Gouvernement sont coordonnées par un Premier Ministre nommé par le Président de la République, après approbation préalable de sa candidature par l’Assemblée Nationale et le Sénat votant séparément et à la majorité absolue de leurs membres.
Le Premier Ministre doit jouir uniquement de la nationalité Burundaise d’origine. (Art. 130)
Government
Burundi
- EnglishThe Government includes the Prime Minister and the other Ministers. It is open to all the ethnic components. It includes at most 60% of Hutu Ministers and at most 40% of Tutsi Ministers. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 128)
- KirundiReta igizwe n’Umushikiranganji wa Mbere, n’abandi bashikiranganji. Ubwoko bwose burafise uburenganzira bwo kuja mu rwego nshikiranganji. Urwego nshikiranganji rugizwe n’ibice bitarenga 60 % vy’abashikiranganji b’abahutu n’ibice bitarenga 40 % vy’abashikiranganji b’abatutsi. Haba harimwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi. (Ingingo ya 128)
- FrenchLe Gouvernement comprend le Premier Ministre et les autres ministres. Il est ouvert à toutes les composantes ethniques. Il comprend au plus 60% de Ministres Hutu et au plus 40% de Ministres Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 128)
Legislature
Burundi
- EnglishThe candidate to the legislative elections must be of Burundian nationality and origin, be twenty-five years old at least, [and] enjoy all their civil and political rights.
… (Art. 170) - KirundiUwitoza ngo abe umushingamateka ategerezwa kuba ari umurundi avuka mu Burundi, akaba akwije n’imiburiburi imyaka mirongo ibiri n’itanu y’amavuka, akaba arekuriwe amateka y’ubwigenge na ya politike.
… (Ingingo ya 170) - FrenchLe candidat aux élections législatives doit être de nationalité et d’origine burundaises, être âgé de vingt-cinq ans au moins, jouir de tous ses droits civils et politiques.
… (Art. 170)
Legislature
Burundi
- EnglishThe National Assembly is composed of at least one hundred Deputies on the basis of 60% of Hutu and of 40% of Tutsi, including a minimum of 30% of women, elected by universal direct suffrage for a mandate of five years[,] and of three Deputies originating from the Twa ethnicity co-opted in accordance with the electoral code.
In the case where the results of the vote do not reflect the percentages above specified [visés], it [then] proceeds to redress the corresponding [afférents] disequilibrium by means of the mechanism of co-optation provided for by the electoral code.
The number of candidates to be elected per circumscription is established by the electoral law proportionally to the population. (Art. 169) - KirundiInama nshingamateka igizwe n’imiburiburi n’abashingamateka ijana barimwo 60 % b’abahutu na 40 % b’abatutsi, bose hamwe harimwo n’imiburiburi abashingamateka b’abakenyezi 30 % batowe n’abanyagihugu bagatorerwa ikiringo c’imyaka itanu harimwo n’abashingamateka batatu b’Abatwa bongeweko nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
Iyo biboneka ko mu vyavuye mu matora ibitigiri bivugwa mu korongo ka mbere k’iyi ngingo bitashitse, birakosorwa biciye mu buryo bwo kugena abandi bashingamateka nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
Igitigiri c’abashingamateka batorwa mu ntara imwe imwe gishingwa n’Ibwirizwa bafatiye ku gitigiri c’abanyagihugu baba muri iyo ntara. (Ingingo ya 169) - FrenchL’Assemblée nationale est composée d’au moins cent députés à raison de 60% de Hutu et de 40% de Tutsi, y compris un minimum de 30% de femmes, élus au suffrage universel direct pour un mandat de cinq ans et de trois députés issus de l’ethnie Twa cooptés conformément au code électoral.
Au cas où les résultats du vote ne reflètent pas les pourcentages sus-visés, il est procédé au redressement des déséquilibres y afférents au moyen du mécanisme de cooptation prévu par le code électoral.
Le nombre de candidats à élire par circonscription est fixé par la loi électorale proportionnellement à la population. (Art. 169)