Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018
Head of State
  • English
    The President of the Republic is the Head of the executive power. … (Art. 93)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ni we atwara Ubutegetsi nshingwabikorwa. … (Art. 93)
  • French
    Le Président de la République est le chef du pouvoir exécutif. … (Art. 93)
Head of State
  • English
    The President of the Republic, Head of the State, incarnates the national unity, sees to the respect for the Constitution and assures by his arbitration the continuity of the State and the regular functioning of the institutions.
    … (Art. 96)
  • Kirundi
    Umukuru wa Republika akaba Umukuru w’igihugu niwe fatiro ry’ubumwe bw’abarundi, ategerezwa kubahiriza Ibwirizwa shingiro akubahiriza ko ubuzima bw’igihugu bubandanya kandi ko inzego z’igihugu ziguma zikora neza.
    … (Ingingo ya 96)
  • French
    Le Président de la République, Chef de l’Etat, incarne l’unité nationale, veille au respect de la Constitution et assure par son arbitrage la continuité de l’Etat et le fonctionnement régulier des institutions.
    … (Art. 96)
Head of State
  • English
    The President of the Republic is elected by universal direct suffrage for a mandate of seven years renewable.
    … (Art. 97)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu yitorerwa n’abarundi bo nyene ubwabo, akamara muri iryo banga ikiringo c’imyaka indwi gishobora kwisubiriza.
    … (Ingingo ya 97)
  • French
    Le Président de la République est élu au suffrage universel direct pour un mandat de sept ans renouvelable.
    … (Art. 97)
Head of State
  • English
    The candidate for the functions of President of the Republic must:
    1. Have the quality of elector within the conditions specified by the electoral law;
    2. Solely enjoy the Burundian nationality of origin [d’origine];
    3. Be already [révolus] forty years old at the moment of the election;
    4. Reside on the territory of Burundi at the moment of the presentation of their candidature;
    5. Enjoy all their civil and political rights;
    6. Subscribe to the Constitution and to the Charter of National Unity.
    … (Art. 98)
  • Kirundi
    Uwitoza mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu ategerezwa:
    1. Kuba afise uburenganzira bwo gutora nk’uko bitegekanijwe n’Ibwirizwa rigenga amatora ;
    2. Kuba afise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye;
    3. Kuba akwije imyaka mirongo ine igihe c’amatora ;
    4. Kuba aba mu Burundi igihe yiyandikisha ngo yitoze ;
    5. Kuba ata kimubuza kurangura amabanga y’igihugu n’ayaporitike;
    6. Kwemeza mu rwandiko ko azokwisunga Ibwirizwa Shingiro n’Amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi.
    … (Ingingo ya 98)
  • French
    Le candidat aux fonctions de Président de la République doit:
    1. Avoir la qualité d’électeur dans les conditions précisées par la loi électorale ;
    2. Jouir uniquement de la nationalité burundaise d’origine;
    3. Etre âgé de quarante ans révolus au moment de l’élection;
    4. Résider sur le territoire du Burundi au moment de la présentation de sa candidature;
    5. Jouir de tous ses droits civils et politiques ;
    6. Souscrire à la Constitution et à la Charte de l’Unité Nationale.
    … (Art. 98)
Head of State
  • English
    The candidates may be presented by the political parties or the coalitions of the political parties or present themselves as [en qualité de] independents.
    … (Art. 99)
  • Kirundi
    Abitoza mw’ibanga ry’Umukuru w’Igihugu bashobora gushikirizwa n’imigambwe yabo canke inani z’imigambwe canke bakitoza ku giti cabo.
    … (Ingingo ya 99)
  • French
    Les candidats peuvent être présentés par les partis politiques ou les coalitions des partis politiques ou se présenter en qualité d’indépendants.
    … (Art. 99)
Head of State
  • English
    Every candidacy to the presidential elections must be supported [parrainée] by a group of two hundred persons formed taking into account the ethnic and gender components.
    The members of the supporting group [groupe de parrainage] must themselves meet the fundamental conditions [conditions de fond] required for eligibility in the general elections. (Art. 100)
  • Kirundi
    Uwitoza mw’ibanga ry’Umukuru w’igihugu ategerezwa guhagarikirwa n’umurwi w’abantu amajana abiri atoye bava mu moko yose n’ibitsina vyose.
    Abo bantu bamuhagarikira bategerezwa kuba bakwije ibisabwa abashaka kwitoza mw’ibanga ry’abashingamateka. (Ingingo ya 100)
  • French
    Chaque candidature aux élections présidentielles doit être parrainée par un groupe de deux cents personnes formé en tenant compte des composantes ethniques et du genre.
    Les membres du groupe de parrainage doivent eux-mêmes réunir les conditions de fond requises pour l’éligibilité aux élections législatives. (Art. 100)
Vice-President
  • English
    The President of the Republic is the Head of the executive power. He is assisted in his functions by a Vice President of the Republic. (Art. 93)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ni we atwara Ubutegetsi nshingwabikorwa. Yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu mu kurangura amabanga ashinzwe. (Art. 93)
  • French
    Le Président de la République est le chef du pouvoir exécutif. Il est assisté dans ses fonctions par le Vice-Président de la République. (Art. 93)
Vice-President
  • English
    In the exercise of his functions, the President of the Republic is assisted by the Vice President of the Republic. (Art. 122)
  • Kirundi
    Mu kurangura amabanga y’igihugu, Umukuru w’Igihugu yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 122)
  • French
    Dans l’exercice de ses fonctions, le Président de la République est assisté par le Vice-Président de la République. (Art. 122)
Vice-President
  • English
    The Vice President is appointed by the President of the Republic after prior approval of his candidature by the National Assembly and the Senate voting separately and with an absolute majority of their members. He is chosen from among the elected [candidates] and must solely enjoy the Burundian nationality of origin.
    … (Art. 123)
  • Kirundi
    Icegera c’Umukuru w’Igihugu agenwa n’Umukuru w’Igihugu abanje kwemezwa n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ku majwi arenga ica kabiri c’abatoye, urwego rwose rutorera ukwarwo. Icegera c’Umukuru w’Igihugu ashimwa mu batowe.
    … (Ingingo ya 123)
  • French
    Le Vice-Président est nommé par le Président de la République après approbation préalable de sa candidature par l’Assemblée Nationale et le Sénat votant séparément et à la majorité absolue de leurs membres. Il est choisi parmi les élus.
    … (Art. 123)
Vice-President
  • English
    The President of the Republic and the Vice President belong to different ethnic groups, political parties and coalitions of political parties or [are] independents of different ethnicities. (Art. 124)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ava mu bwoko canke mu migambwe, mu nani z’imigambwe canke mu bitoje ku giti cabo bitandukanye n’ivy’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 124)
  • French
    Le Président de la République, et le Vice-Président appartiennent aux groupes ethniques, aux partis politiques et indépendants différents. (Art. 124)
Government
  • English
    The President of the Republic, on a proposal of the Prime Minister, in consultation with the Vice President, appoints the members of the Government and terminates their functions. (Art. 109)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ni we agena akongera akabogoza abagize urwego nshikiranganji abanje kugisha inama Icegera c’Umukuru w’Igihugu n’Umushikiranganji wa Mbere. (Art. 109)
  • French
    Le Président de la République, en consultation avec le Vice-Président et le Premier Ministre, nomme les membres du Gouvernement et met fin à leurs fonctions. (Art. 109)
Government
  • English
    The Government includes the Prime Minister and the other Ministers. It is open to all the ethnic components. It includes at most 60% of Hutu Ministers and at most 40% of Tutsi Ministers. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 128)
  • Kirundi
    Reta igizwe n’Umushikiranganji wa Mbere, n’abandi bashikiranganji. Ubwoko bwose burafise uburenganzira bwo kuja mu rwego nshikiranganji. Urwego nshikiranganji rugizwe n’ibice bitarenga 60 % vy’abashikiranganji b’abahutu n’ibice bitarenga 40 % vy’abashikiranganji b’abatutsi. Haba harimwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi. (Ingingo ya 128)
  • French
    Le Gouvernement comprend le Premier Ministre et les autres ministres. Il est ouvert à toutes les composantes ethniques. Il comprend au plus 60% de Ministres Hutu et au plus 40% de Ministres Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 128)
Government
  • English
    The activities of the Government are coordinated by a Prime Minister appointed by the President of the Republic, after prior approval of his candidature by the National Assembly and the Senate voting separately and with an absolute majority of their members.
    The Prime Minister must solely enjoy the Burundian nationality of origin. (Art. 130)
  • Kirundi
    Ibikorwa vya Reta bikurikiranirwa hafi n’Umushikiranganji wa Mbere agenwa n’Umukuru w’Igihugu, abanje kwemezwa n’abagize Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka bamwe bose bagatora ukwabo ku bice birenga ica kabiri c’abatoye.
    Umushikiranganji wa Mbere ategerezwa kuba afise ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye. (Ingingo ya 130)
  • French
    Les activités du Gouvernement sont coordonnées par un Premier Ministre nommé par le Président de la République, après approbation préalable de sa candidature par l’Assemblée Nationale et le Sénat votant séparément et à la majorité absolue de leurs membres.
    Le Premier Ministre doit jouir uniquement de la nationalité Burundaise d’origine. (Art. 130)
Legislature
  • English
    The legislative power is exercised by the Parliament which includes two chambers: the National Assembly and the Senate.
    The members of the National Assembly bear the title of Deputy; those of the Senate bear the title of Senator.
    No one may belong at the same time to the National Assembly and to the Senate. (Art. 152)
  • Kirundi
    Ubutegetsi nshingamateka bugizwe n’urwego rurimwo ibisata bibiri: Inama nshingamateka n’Inama nkenguzamateka.
    Abagize urwo rwego, bamwe ni abashingamateka, abandi ni abakenguzamateka.
    Nta muntu n’umwe arekuriwe kuba mu Nama nshingamateka hamwe no mu Nama nkenguzamateka. (Ingingo ya 152)
  • French
    Le pouvoir législatif est exercé par le Parlement qui comprend deux chambres : l’Assemblée Nationale et le Sénat.
    Les membres de l’Assemblée Nationale portent le titre de député ; ceux du Sénat portent le titre de sénateur.
    Nul ne peut appartenir à la fois à l’Assemblée Nationale et au Sénat. (Art. 152)
Legislature
  • English
    The National Assembly is composed of at least one hundred Deputies on the basis of 60% of Hutu and of 40% of Tutsi, including a minimum of 30% of women, elected by universal direct suffrage for a mandate of five years[,] and of three Deputies originating from the Twa ethnicity co-opted in accordance with the electoral code.
    In the case where the results of the vote do not reflect the percentages above specified [visés], it [then] proceeds to redress the corresponding [afférents] disequilibrium by means of the mechanism of co-optation provided for by the electoral code.
    The number of candidates to be elected per circumscription is established by the electoral law proportionally to the population. (Art. 169)
  • Kirundi
    Inama nshingamateka igizwe n’imiburiburi n’abashingamateka ijana barimwo 60 % b’abahutu na 40 % b’abatutsi, bose hamwe harimwo n’imiburiburi abashingamateka b’abakenyezi 30 % batowe n’abanyagihugu bagatorerwa ikiringo c’imyaka itanu harimwo n’abashingamateka batatu b’Abatwa bongeweko nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
    Iyo biboneka ko mu vyavuye mu matora ibitigiri bivugwa mu korongo ka mbere k’iyi ngingo bitashitse, birakosorwa biciye mu buryo bwo kugena abandi bashingamateka nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
    Igitigiri c’abashingamateka batorwa mu ntara imwe imwe gishingwa n’Ibwirizwa bafatiye ku gitigiri c’abanyagihugu baba muri iyo ntara. (Ingingo ya 169)
  • French
    L’Assemblée nationale est composée d’au moins cent députés à raison de 60% de Hutu et de 40% de Tutsi, y compris un minimum de 30% de femmes, élus au suffrage universel direct pour un mandat de cinq ans et de trois députés issus de l’ethnie Twa cooptés conformément au code électoral.
    Au cas où les résultats du vote ne reflètent pas les pourcentages sus-visés, il est procédé au redressement des déséquilibres y afférents au moyen du mécanisme de cooptation prévu par le code électoral.
    Le nombre de candidats à élire par circonscription est fixé par la loi électorale proportionnellement à la population. (Art. 169)
Legislature
  • English
    The candidate to the legislative elections must be of Burundian nationality and origin, be twenty-five years old at least, [and] enjoy all their civil and political rights.
    … (Art. 170)
  • Kirundi
    Uwitoza ngo abe umushingamateka ategerezwa kuba ari umurundi avuka mu Burundi, akaba akwije n’imiburiburi imyaka mirongo ibiri n’itanu y’amavuka, akaba arekuriwe amateka y’ubwigenge na ya politike.
    … (Ingingo ya 170)
  • French
    Le candidat aux élections législatives doit être de nationalité et d’origine burundaises, être âgé de vingt-cinq ans au moins, jouir de tous ses droits civils et politiques.
    … (Art. 170)
Legislature
  • English
    The candidates to the legislative elections may be presented by the political parties or present themselves as [en qualité de] independents as [tel que] defined by Article 99 of this Constitution. (Art. 171)
  • Kirundi
    Abitoza kuba abashingamateka batangwa n’imigambwe canke bakitoza kugatwe kabo nkuko bitegekanijwe n’ingingo ya 99 y’iri bwirizwa shingiro. (Ingingo ya 171)
  • French
    Les candidats aux élections législatives peuvent être présentés par les partis politiques ou se présenter en qualité d’indépendants tel que défini par l’article 99 de la présente Constitution. (Art. 171)
Legislature
  • English
    The elections of the Deputies take place following the ballot of bloc lists [listes bloquées] by proportional representation. These lists must have a multi-ethnic character and take into account the equilibrium between men and women. For three candidates registered together [inscrits à la suite] on a list, only two may belong to the same ethnic group, and at least one in three must be a woman. (Art. 173)
  • Kirundi
    Amatora y’abashingamateka ashingira ku rutonde rwugaye rw’amazina rwashikirijwe, bagatorwa hisunzwe amajwi baronse. Urutonde rwose rw’ayo mazina rutegerezwa kurangwa n’uko amoko yose yaserukiwe kandi hakaba harimwo abagabo n’abakenyezi. Ku bitoza batatu bari ku rutonde rumwe, babiri gusa ni bo baba basangiye ubwoko kandi n’imiburiburi umwe kuri batatu ategerezwa kuba ari umugore. (Ingingo ya 173)
  • French
    Les élections des députés se déroulement suivant le scrutin des listes bloquées à la représentation proportionnelle. Ces listes doivent avoir un caractère multiethnique et tenir compte de l’équilibre entre les hommes et les femmes. Pour trois candidats inscrits à la suite sur une liste, deux seulement peuvent appartenir au même groupe ethnique, et au moins un sur trois doit être une femme. (Art. 173)
Legislature
  • English
    The candidate to the elections of the Senators must be of Burundian nationality, being already thirty-five years old at the moment of the elections, [and] enjoy all their civil and political rights.
    … (Art. 184)
  • Kirundi
    Uwitoza ngo abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ari umurundi, akaba akwije imyaka mirongo itatu n’itanu y’amavuka ku munsi w’itora, akaba atakimukumira mu mabanga y’igihugu.
    … (Ingingo ya 184)
  • French
    Le candidat aux élections des Sénateurs doit être de nationalité burundaise, être âgé de trente cinq ans révolus au moment de l’élection, jouir de tous ses droits civils et politiques.
    … (Art. 184)
Legislature
  • English
    The Senate is composed of:
    1) Two delegates from each province, elected by an electoral college composed of members of the Communal Councils of the considered province, originating from different ethnic communities and elected by distinct ballots;
    2) Three persons originating from the Twa ethnicity;
    A minimum of 30% of women is assured. The electoral law determines the practical modalities of it, with co-optation the case arising. (Art. 185)
  • Kirundi
    Abagize Inama nkenguzamateka ni aba:
    1° abantu babiri baserukira intara imwe imwe batowe n’abaserukira abandi mu makomine agize iyo ntara bo mu moko adasa kandi badatorewe ku rutonde rumwe;
    2° abantu batatu bo mu bwoko bw’abatwa;
    Mu bagize Inama Nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore. Ibwirizwa rigenga amatora rirerekana ingene bigenda mukubishira mu ngiro bikenewe hakongerwako kugira ibitigiri bikwire. (Ingingo ya 185)
  • French
    Le Sénat est composé de :
    1° Deux délégués de chaque province, élus par un collège électoral composé de membres des Conseils communaux de la province considérée, provenant de communautés ethniques différentes et élus par des scrutins distincts;
    2° Trois personnes issues de l’ethnie Twa;
    Il est assuré un minimum de 30% de femmes. La loi électorale en détermine les modalités pratiques, avec cooptation le cas échéant. (Art. 185)
1

Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018 (English), available in HeinOnline World Constitutions Illustrated Library (2024). According to Art. 5: “The national language is Kirundi. The official languages are Kirundi and all other languages determined by the law. All the legislative texts must have their version in Kirundi.”

Links to all sites last visited 8 February 2024