Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018
Jurisdiction and Access
  • English
    The President of the Republic promulgates the laws adopted by the Parliament within a time period of thirty days counting from the day of their transmission, if he does not formulate any demand of a second reading or [if he] has not referred [the matter] to the Constitutional Court for unconstitutionality.

    Before promulgating the organic laws, the President of the Republic must have their conformity to the Constitution verified by the Constitutional Court.
    … (Art. 202)
  • Kirundi
    Umukuru w’igihugu ashira umukono akongera agatangaza ku mabwirizwa yashinzwe n’Inama nshingamateka n’Inama nkenguzamateka mu minsi mirongo itatu ikurikira umunsi yayarungikiweko kiretse asavye ko asubira kwihwezwa canke ngo asabe Sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro gusuzuma ko adaciye kubiri n’Ibwirizwa shingiro.

    Imbere yo gutangaza amabwirizwa aringaniza, Umukuru w’igihugu ategerezwa gusaba Sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro gusuzuma ko ayo mabwirizwa adaciye kubiri n’Ibwirizwa shingiro.
    … (Ingingo ya 202)
  • French
    Le Président de la République promulgue les lois adoptées par le Parlement dans un délai de trente jours à compter du jour de leur transmission, s’il ne formule aucune demande de seconde lecture ou ne saisit la Cour Constitutionnelle en inconstitutionnalité.

    Avant de promulguer les lois organiques, le Président de la République doit faire vérifier leur conformité à la Constitution par la Cour Constitutionnelle.
    … (Art. 202)
Jurisdiction and Access
  • English
    The Constitutional Court is the jurisdiction of the State in constitutional matters.
    It is the judge of the constitutionality of the laws and interprets the Constitution. (Art. 231)
  • Kirundi
    Sentare yuhabiriza lbwirizwa shingiro niyo Sentare y’igihugu iraba ivyerekeye Ibwirizwa Shingiro.
    Ni yo igenzura y’uko amabwirizwa ashingwa adaciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro ikongera igatanga insiguro yaryo iyo bikenewe. (Ingingo ya 231)
  • French
    La Cour Constitutionnelle est la juridiction de l’Etat en matière constitutionnelle.
    Elle est juge de la constitutionnalité des lois et interprète la Constitution. (Art. 231)
Jurisdiction and Access
  • English
    The Constitutional Court is competent to:
    – decide on the constitutionality of the laws and of the regulatory acts taken in the matters other than those arising within the domain of the law;
    – assure the respect for this Constitution including the Charte des Droits fundamentaux [Charter of Fundamental Rights], by the organs of the State, [and] the other institutions;
    – interpret the Constitution, at the demand of the President of the Republic, of the President of the National Assembly, of the President of the Senate, of one-quarter of the Deputies or of one-quarter of the Senators;
    – decide on the regularity of the presidential elections, legislative [elections] and of the referenda and to proclaim the definitive results of them;
    – receive the oath of the President of the Republic, of the Vice President of the Republic, of the Prime Minister and of the other Ministers before their entry into [their] functions;
    – declare the vacancy of the post of President of the Republic.
    – declare the vacancy of the seats of the parliamentarians.
    The organic laws before their promulgation, the international treaties before submitting them to the vote of the Assemblies, the internal regulations of the National Assembly and of the Senate before their application, are submitted obligatory to the control of constitutionality. (Art. 234)
  • Kirundi
    Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ifise ububasha bukurikira :
    - kwihweza ko amabwirizwa n’amategeko ashingwa mu bidasanzwe biringanizwa n’ibwirizwa adaciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro ;
    - gucungera ko iri bwirizwa shingiro harimwo n’amasezerano yerekeye amateka ngenderwako y’ikiremwa muntu yubahirizwa n’abantu, inzego za Reta, hamwe n’izindi nzego ;
    - gutanga insiguro y’Ibwirizwa Shingiro, bisabwe n’Umukuru w’Igihugu, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ica kane c’abashingamateka canke ica kane c’abakenguzamateka ;
    - kwihweza ko amatora y’Umukuru w’Igihugu, y’abashingamateka n’abakenguzamateka n’ayo gusaba ebenegihugu ngo bemeze canke bahakane ikinaka vyaranguwe hakwirikijwe amategeko n’ugutangaza ivyavuye mu matora ;
    - kwakira indahiro y’Umukuru w’Igihugu, iy’Icegera c’Umukuru w’Igihugu, iy’Umushikiranganji wa Mbere n’iz’abandi bashikiranganji imbere y’uko batangura kurangura amabanga bajejwe;
    - kwemeza ko igihugu kitagifise umukuru w’Igihugu;
    - Kwemeza ko intebe z’abashingamateka n’abakenguzamateka zigaragara.
    Amabwirizwa yunganira Ibwirizwa Shingiro imbere y’uko atangazwa, amasezerano mpuzamakungu imbere yuko ashikirizwa Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka ngo ziyemeze, amategeko ntunganyabikorwa atomora ingene Inama Nshingamateka n’ingene Inama Nkenguzamateka zitunganiriza imirimo yazo, ategerezwa gusuzumwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro imbere y’uko atangazwa. (Ingingo ya 234)
  • French
    La Cour Constitutionnelle est compétente pour :
    - statuer sur la constitutionnalité des lois et des actes réglementaires pris dans les matières autres que celle relevant du domaine de la loi ;
    - assurer le respect de la présente Constitution y compris la Charte des Droits fondamentaux, par les organes de l’Etat, les autres institutions ;
    - interpréter la Constitution, à la demande du Président de la République, du Président de l’Assemblée Nationale, du Président du Sénat, d’un quart des députés ou d’un quart des sénateurs ;
    - statuer sur la régularité des élections présidentielles et législatives et des référendums et en proclamer les résultats définitifs ;
    - recevoir le serment du Président de la République, du Vice-Président de la République, du Premier Ministre et des autres Ministres avant leur entrée en fonctions ;
    - constater la vacance du poste de Président de la République ;
    - constater la vacance des sièges des parlementaires.
    Les lois organiques avant leur promulgation, les traités internationaux avant de les soumettre au vote des Assemblées, les règlements intérieurs de l’Assemblée Nationale et du Sénat avant leur mise en application, sont soumis obligatoirement au contrôle de constitutionnalité. (Art. 234)
Jurisdiction and Access
  • English
    The Constitutional Court is referred to [a matter] by the President of the Republic, the President of the National Assembly, the President of the Senate, by one-quarter of the members of the National Assembly or one-quarter of the members of the Senate, or by the Ombudsman.
    Every natural or juridical person [personne physique ou morale] interested as well as the Public Ministry may refer the Constitutional Court [to a matter] concerning the constitutionality of the laws, either directly by way of [an] action or indirectly by the procedure of pleadings [exception] of unconstitutionality invoked in a matter submitted to another jurisdiction.
    … (Art. 236)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ica kane c’abashingamateka, ica kane c’abakenguzamateka canke Umuhuza w’abanyagihugu na Reta bafise ububasha bwo kwitura Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro.
    Umuntu uwo ari we wese abifisemwo inyungu, ishirahamwe iryo ari ryo ryose ribifisemwo inyungu canke abashikirizamanza barashobora kwitura Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro bakadoma urutoke ku mabwirizwa n’amategeko yoba yashinzwe biciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro. Bashobora kubigira mu kwishikirira bo nyene Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro canke mu kubimenyesha abandi bacamanza mu gihe babonye ko urubanza bariko barabacira rushingiye ku ngingo y’Ibwirizwa canke y’Itegeko iciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro.
    … (Ingingo ya 236)
  • French
    La Cour Constitutionnelle est saisie par le Président de la République, le Président de l’Assemblée Nationale, le Président du Sénat, par un quart des membres de l’Assemblée Nationale ou un quart des membres du Sénat, ou par l’ombudsman.
    Toute personne physique ou morale intéressée ainsi que le Ministère Public peuvent saisir la Cour Constitutionnelle sur la constitutionnalité des lois, soit directement par voie d’action soit indirectement par la procédure d’exception d’inconstitutionnalité invoquée dans une affaire soumise à une autre juridiction.
    … (Art. 236)
1

Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018 (English), available in HeinOnline World Constitutions Illustrated Library (2024). According to Art. 5: “The national language is Kirundi. The official languages are Kirundi and all other languages determined by the law. All the legislative texts must have their version in Kirundi.”

Links to all sites last visited 8 February 2024