Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018
Political Rights and Association
  • English
    Suffrage is universal, equal, free and transparent. It may be direct or indirect within the conditions provided for by the law.
    All Burundians being already [révolus] eighteen years of age and enjoying their civil and political rights[,] are electors, within the conditions determined by the electoral code. (Art. 8)
  • Kirundi
    Umunyagihugu wese akwije ibitegekanijwe n’amategeko arafise uburenganzira bwo gutora. Mw’itora nta jwi riruta irindi, kandi umuntu wese atora mu mwiherero, uko ashaka, agatorera ahazwi. Mu gutora, abanyagihugu bashobora kwitorera bo nyene abategetsi canke bagatora ababaserukira mu gutora abo bategetsi nk’uko bitegekanijwe n’Ibwirizwa.
    Abarekuriwe gutora hakurikijwe igitabu c’amategeko agenga amatora ni abarundi bose bakwije imyaka cumi n’umunani n’abayirenza kandi atakibakumira mu mabanga y’igihugu. (Ingingo ya 8)
  • French
    Le suffrage est universel, égal, secret, libre et transparent. Il peut être direct ou indirect dans les conditions prévues par la loi.
    Sont électeurs, dans les conditions déterminées par le code électoral, tous les burundais âgés de dix-huit ans révolus et jouissant de leurs droits civils et politiques. (Art. 8)
Political Rights and Association
  • English
    … No Burundian may be excluded from the social, economical or political life of the nation because of their race, of their language, of their religion, of their sex or of their ethnic origin. (Art. 13)
  • Kirundi
    … Nta murundi n’umwe azokumirwa mu vyerekeye imibano, ubutunzi canke intwaro y’igihugu kubera ibara ry’urukoba, ururimi, idini, igitsina canke ubwoko vyiwe. (Ingingo ya 13)
  • French
    … Aucun burundais ne sera exclu de la vie sociale, économique ou politique de la nation du fait de sa race, de sa langue, de sa religion, de son sexe ou de son origine ethnique. (Art. 13)
Political Rights and Association
  • English
    The Burundian Government must be composed so that all Burundians are represented in it and that it represents them all; that each has equal opportunities to be a part of it; that all citizens have access to the public services and that the decisions and the actions of the Government obtain the largest possible support. (Art. 16)
  • Kirundi
    Leta y’Uburundi itegerezwa kuringanizwa ku buryo abarundi bose bayiserukirwamwo nayo ikabaserukira bose ; arundi bose baranganya uburenganzira bwo kuja muri Leta ; abanyagihugubose barafise uburenganzira bwo gushikira abo bakeneye bajejwe imirimo ya Leta kandi ingingo n’ibirangurwa na Leta bigashigikirwa na benshi (Ingingo ya 16)
  • French
    Le Gouvernement burundais doit être composé de sorte que tous les burundais y soient représentés et qu’il les représente tous; que chacun ait des chances égales d’en faire partie; que tous les citoyens aient accès aux services publics et que les décisions et les actions du Gouvernement recueillent le plus large soutien possible. (Art. 16)
Political Rights and Association
  • English
    The freedom of assembly and of association is guaranteed, as well as the right to found associations or organizations in accordance with the law. (Art. 32)
  • Kirundi
    Ubwigenge bwo gutunganya inama no kuja hamwe cokimwe n’ugushinga amashirahamwe, birubahirizwa hisunzwe amabwirizwa. (Ingingo ya 32)
  • French
    La liberté de réunion et d’association est garantie, de même que le droit de fonder des associations ou organisations conformément à la loi. (Art. 32)
Political Rights and Association
  • English
    Every Burundian has the right to participate, either directly, or indirectly through their representatives, in the direction and in the administration [gestion] of the affairs of the State, under reserve of the legal conditions, notably of age and of capacity.
    Every Burundian has equally the right to accede to the public functions of their country. (Art. 51)
  • Kirundi
    Umurundi wese arafise ijambo mu vyerekeye intwaro no mu gutunganya ivy’igihugu, yiserukiye we nyene canke aciye ku bamuserukira ariko bidateye kubiri n’amabwirizwa abitegekanya nk’ayerekeye imyaka y’amavuka n’ayerekana ababikwiye.
    Umurundi wese arashobora kandi gushingwa amabanga y’igihugu ciwe. (Ingingo ya 51)
  • French
    Tout burundais a le droit de participer, soit directement, soit indirectement par ses représentants, à la direction et à la gestion des affaires de l’Etat sous réserve des conditions légales, notamment d’âge et de capacité.
    Tout burundais a également le droit d’accéder aux fonctions publiques de son pays. (Art. 51)
Political Rights and Association
  • English
    The right to vote is guaranteed. (Art. 87)
  • Kirundi
    Uburenganzira bwo gutora buremejwe. (Ingingo ya 87)
  • French
    Le droit de vote est garanti. (Art. 87)
Political Rights and Association
  • English
    The elections of the Deputies take place following the ballot of bloc lists [listes bloquées] by proportional representation. These lists must have a multi-ethnic character and take into account the equilibrium between men and women. For three candidates registered together [inscrits à la suite] on a list, only two may belong to the same ethnic group, and at least one in three must be a woman. (Art. 173)
  • Kirundi
    Amatora y’abashingamateka ashingira ku rutonde rwugaye rw’amazina rwashikirijwe, bagatorwa hisunzwe amajwi baronse. Urutonde rwose rw’ayo mazina rutegerezwa kurangwa n’uko amoko yose yaserukiwe kandi hakaba harimwo abagabo n’abakenyezi. Ku bitoza batatu bari ku rutonde rumwe, babiri gusa ni bo baba basangiye ubwoko kandi n’imiburiburi umwe kuri batatu ategerezwa kuba ari umugore. (Ingingo ya 173)
  • French
    Les élections des députés se déroulement suivant le scrutin des listes bloquées à la représentation proportionnelle. Ces listes doivent avoir un caractère multiethnique et tenir compte de l’équilibre entre les hommes et les femmes. Pour trois candidats inscrits à la suite sur une liste, deux seulement peuvent appartenir au même groupe ethnique, et au moins un sur trois doit être une femme. (Art. 173)
National level
  • English
    The Government includes the Prime Minister and the other Ministers. It is open to all the ethnic components. It includes at most 60% of Hutu Ministers and at most 40% of Tutsi Ministers. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 128)
  • Kirundi
    Reta igizwe n’Umushikiranganji wa Mbere, n’abandi bashikiranganji. Ubwoko bwose burafise uburenganzira bwo kuja mu rwego nshikiranganji. Urwego nshikiranganji rugizwe n’ibice bitarenga 60 % vy’abashikiranganji b’abahutu n’ibice bitarenga 40 % vy’abashikiranganji b’abatutsi. Haba harimwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi. (Ingingo ya 128)
  • French
    Le Gouvernement comprend le Premier Ministre et les autres ministres. Il est ouvert à toutes les composantes ethniques. Il comprend au plus 60% de Ministres Hutu et au plus 40% de Ministres Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 128)
National level
  • English
    The National Assembly is composed of at least one hundred Deputies on the basis of 60% of Hutu and of 40% of Tutsi, including a minimum of 30% of women, elected by universal direct suffrage for a mandate of five years[,] and of three Deputies originating from the Twa ethnicity co-opted in accordance with the electoral code.
    In the case where the results of the vote do not reflect the percentages above specified [visés], it [then] proceeds to redress the corresponding [afférents] disequilibrium by means of the mechanism of co-optation provided for by the electoral code.
    The number of candidates to be elected per circumscription is established by the electoral law proportionally to the population. (Art. 169)
  • Kirundi
    Inarna nshingamateka igizwe n’imiburiburi n’abashingamateka ijana barimwo 60 % b’abahutu na 40 % b’abatutsi, bose hamwe harimwo n’imiburiburi abashingamateka b’abakenyezi 30 % batowe n’abanyagihugu bagatorerwa ikiringo c’imyaka itanu harimwo n’abashingamateka batatu b’Abatwa bongeweko nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
    Iyo biboneka ko mu vyavuye mu matora ibitigiri bivugwa mu korongo ka mbere k’iyi ngingo bitashitse, birakosorwa biciye mu buryo bwo kugena abandi bashingamateka nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
    Igitigiri c’abashingamateka batorwa mu ntara imwe imwe gishingwa n’Ibwirizwa bafatiye ku gitigiri c’abanyagihugu baba muri iyo ntara. (Ingingo ya 169)
  • French
    L’Assemblée nationale est composée d’au moins cent députés à raison de 60% de Hutu et de 40% de Tutsi, y compris un minimum de 30% de femmes, élus au suffrage universel direct pour un mandat de cinq ans et de trois députés issus de l’ethnie Twa cooptés conformément au code électoral.
    Au cas où les résultats du vote ne reflètent pas les pourcentages sus-visés, il est procédé au redressement des déséquilibres y afférents au moyen du mécanisme de cooptation prévu par le code électoral.
    Le nombre de candidats à élire par circonscription est fixé par la loi électorale proportionnellement à la population. (Art. 169)
National level
  • English
    The Senate is composed of:
    1) Two delegates from each province, elected by an electoral college composed of members of the Communal Councils of the considered province, originating from different ethnic communities and elected by distinct ballots;
    2) Three persons originating from the Twa ethnicity;
    A minimum of 30% of women is assured. The electoral law determines the practical modalities of it, with co-optation the case arising. (Art. 185)
  • Kirundi
    Abagize Inama nkenguzamateka ni aba:
    1° abantu babiri baserukira intara imwe imwe batowe n’abaserukira abandi mu makomine agize iyo ntara bo mu moko adasa kandi badatorewe ku rutonde rumwe;
    2° abantu batatu bo mu bwoko bw’abatwa;
    Mu bagize Inama Nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore. Ibwirizwa rigenga amatora rirerekana ingene bigenda mukubishira mu ngiro bikenewe hakongerwako kugira ibitigiri bikwire. (Ingingo ya 185)
  • French
    Le Sénat est composé de :
    1° Deux délégués de chaque province, élus par un collège électoral composé de membres des Conseils communaux de la province considérée, provenant de communautés ethniques différentes et élus par des scrutins distincts;
    2° Trois personnes issues de l’ethnie Twa;
    Il est assuré un minimum de 30% de femmes. La loi électorale en détermine les modalités pratiques, avec cooptation le cas échéant. (Art. 185)
Political Parties
  • English
    The political parties may freely constitute themselves, in accordance with the law. They are registered [agréés] in accordance with the law. (Art. 76)
  • Kirundi
    Imigarnbwe irashobora gushingwa ata nkomanzi hakurikijwe Ibwirizwa. Iyo migambwe yemererwa gukora hakurikijwe ibwirizwa. (Ingingo ya 76)
  • French
    Les partis politiques peuvent se constituer librement, conformément à la loi. Ils sont agréés conformément à la loi. (Art. 76)
Political Parties
  • English
    An association without a lucrative goal regrouping citizens around a project of [a] democratic society founded on the national unity, with a distinctive political program of precise objectives responding to the concern to serve the general interest and to assure the development [épanouissement] of all citizens[,] constitutes a political party. (Art. 77)
  • Kirundi
    Umugambwe ni ishirahamwe ry’abantu badaharanira inyungu y’amafaranga, rihuza abanyagihugu bafise imigambi irashe y’ukwubaka igihugu kirangwa n’intwaro rusangi ishimikiye ku bumwe bw’abarundi, rikaba rifise imigambi ryisangije n’intumbero zitomoye, rigaharanira ineza n’iterambere rya bose n’ukubaho neza kw’abanyagihugu bose. (Ingingo ya 77)
  • French
    Constitue un parti politique une association sans but lucrative regroupant des citoyens autour d’un projet de société démocratique fondé sur l’unité nationale, avec un programme politique distinct aux objectifs précis répondant au souci de server l’intérêt général et d’assurer l’épanouissement de tous les citoyens. (Art. 77)
Political Parties
  • English
    In their organization and their functioning the political parties must respond to democratic principles. They must be opened to all Burundians and their national character must also be reflected at the level of their leadership [direction]. They may not advocate [prôner] violence, exclusion and hatred in any of their forms, notably those based on ethnic, regional, religious or gender [genre] affiliation. (Art. 78)
  • Kirundi
    Mw’itunganywa ryayo n’ingene ikora, imigambwe itegerezwa kwisunga ingingo ngenderwako ziranga intwaro rusangi. Ikemera kwinjirwamwo n’abarundi bose, bikagaragarira mu rwego nyobozi. Kirazira ko ishira imbere ugukoresha igikenye, ugukumira n’urwanko uko bimera kwose, nk’urufatira ku moko, intara, idini canke igitsin. (Ingingo ya 78)
  • French
    Les partis politiques, dans leur organisation et leur fonctionnement, doivent répondre aux principes démocratiques. Ils doivent être ouverts à tous les Burundais et leur caractère national doit également être reflété au niveau de leur direction. Ils ne peuvent prôner la violence, l’exclusion et la haine sous toutes leurs formes, notamment celles basées sur l’appartenance ethnique, régionale, religieuse ou de genre. (Art. 78)
Political Parties
  • English
    The law guarantees the non-interference of the public powers in the internal functioning of the political parties, except for that of the restrictions necessary for the prevention of ethnic, political, regional, religious or gender hatred and to maintain the public order. (Art. 80)
  • Kirundi
    Ibwirizwa rirubahiriza imigambwe kugira ngo inzego za Leta ntizisuke mu buryo imigambwe ikora, kiretse iyo ari ukubuza ibijanye n’urwanko rushimikiye ku moko, kuri politike, intara, idini canke igitsina n’ukubungabunga umutekano. (Ingingo ya 80)
  • French
    La loi garantit la non-ingérence des pouvoirs publics dans le fonctionnement interne des partis politiques, sauf pour ce qui est des restrictions nécessaires à la prévention de la haine ethnique, politique, régionale, religieuse ou de genre et au maintien de l’ordre public. (Art. 80)
Political Parties
  • English
    The external financing of the political parties is prohibited, save for exceptional derogation established by the law.
    All financing of a nature that infringes the national independence and sovereignty is prohibited.
    The law determines and organizes the sources of financing of the political parties. (Art. 83)
  • Kirundi
    Birabujijwe ko imigambwe ihabwa imfanshanyo y’amafaranga ivuye mu mahanga kiretse ibwirizwa ribitangiye uruhusha rudasanzwe.
    Imfashanyo y’amafaranga iyo ari yo yose yoshobora kubangamira ukwikukira kw’igihugu n’ukukibuza kwitunganiriza ivyaco irabujijwe.
    Ibwirizwa ni ryo ritomora kandi rikaringaniza aho imfashanyo z’imigambwe zikomoka. (Ingingo ya 83)
  • French
    Le financement extérieur des partis politiques est interdit, sauf dérogation exceptionnelle établie par la loi.
    Tout financement de nature à porter atteinte à l’indépendance et à la souveraineté nationales est interdit.
    La loi détermine et organise les sources de financement des partis politiques. (Art. 83)
Political Parties
  • English
    To the end of promoting democracy, the law may authorize the financing of the political parties in an equitable manner, proportionally to the number of seats that they hold at the National Assembly. This financing may apply both [aussi bien] to the functioning of the political parties and [que] to the electoral campaigns, and must be transparent. The types of subventions, advantages and facilities that the State may grant to the political parties are established by the law. (Art. 84)
  • Kirundi
    Mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro rusangi, Ibwirizwa rirashobora kurekurira imigambwe kuronka imfashanyo ku buryo bungana, hakurikijwe igitigiri c’intebe iyo migambwe ifise mu Nama nshingamateka. Iyo mfashanyo ishobora kuba ari iyo gufasha imigambwe mw’irangurwa ry’ibikorwa vya yo vya misi yose canke mu gihe c’ukwiyamamaza mu matora, kandi yotangwa kumugaragaro. Ubwoko bw’imfashanyo n’ukoroherezwa Leta ishobora kwemerera imigambwe bitomorwa n’Ibwirizwa. (Ingingo ya 84)
  • French
    Aux fins de promouvoir la démocratie, la loi peut autoriser le financement des partis politiques de manière équitable, proportionnellement au nombre de sièges qu’ils détiennent à l’Assemblée nationale. Ce financement peut s’appliquer aussi bien au fonctionnement des partis politiques qu’aux campagnes électorales, et doit être transparent. Les types de subventions, d’avantages et de facilités que l’Etat peut accorder aux partis politiques sont fixés par la loi. (Art. 84)
Electoral Bodies
  • English
    An Independent National Electoral Commission [Commission Electorale Nationale Indépendente] guarantees the freedom, the impartiality and the independence of the electoral process. (Art. 90)
  • Kirundi
    Umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose urubahiriza ko abantu batora mu mwidegemvyo, ata nkunzi n’uko amatora aba ata gitsure. (Ingingo ya 90)
  • French
    Une commission électorale nationale indépendante, garantit la liberté, l’impartialité et l’indépendance du processus électoral. (Art. 90)
Electoral Bodies
  • English
    The Commission is responsible for the following missions:
    a) To organize the elections at the national level, at the level of the communes and at that of the collines or of the quartiers;
    b) To see to it that the elections are free, regular and transparent;
    c) To proclaim the provisional results of the elections within a time period defined by the law;
    d) To promulgate the arrangements, the code of conduct and the technical details, including the location of the polls [bureaux de vote] and the hours in which they are open;
    e) To receive the claims concerning the respect for the electoral rules and to process them [y donner suite];
    f) The decisions of the Commission are without appeal;
    g) To see to it, applying the appropriate rules, that the electoral campaigns do not take place [se déroulent] in a manner that incites to ethnic violence or in any other manner contrary to this Constitution;
    h) To assure the respect for the provisions of this Constitution relative to multiethnicity and to gender[,] and to take cognizance of the claims in this respect. (Art. 92)
  • Kirundi
    Uwo mugwi ujejwe amabanga akurikira :
    a. Kuringaniza amatora ku rwego rw’igihugu, urw’amakomine n’urwo ku mitumba canke urw’amakaritiye ;
    b. Gucungera ko abenegihugu batora mu mwidegemvyo, hakurikijwe amategeko kandi ku mugaragaro ;
    c. Gutangaza ivy’imfatakibanza ivyavuye mu matora mu kiringo gitegekanijwe n’ibwirizwa;
    d. Gutangaza ibitegekanijwe, inyifato n’ido n’ido ry’ingene ibintu bitegerezwa kugenda harimwo ibibanza vy’ugutoreramwo n’amasaha amatora atangurirako ;
    e. Kwakira ibirego vy’abitwara ku vyerekeye iyubahirizwa ry’amabwirizwa agenga amatora n’ukubaha inyishu;
    f. Ingingo zishinzwe n’uwo mugwi ntizigira iyungururizo ;
    g. Gucungera hakurikijwe amategeko avyerekeye ko kwiyamamaza bidakorwa ku buryo bwo kwosha abantu badasangiye ubwoko ngo batane mu mitwe canke mu bundi buryo bwose buteye kubiri n’iri Bwirizwa shingiro;
    h. Kwubahiriza ingingo z’iri Bwirizwa shingiro zerekeye ubudasa bw’amoko hamwe n’ibitsina no gutatura amatati azerekeye. (Ingingo ya 92)
  • French
    La commission est chargée des missions suivantes :
    a. Organiser les élections au niveau national, au niveau des communes et à celui des collines ou des quartiers ;
    b. Veiller à ce que ces élections soient libres, régulières et transparentes ;
    c. Proclamer les résultats provisoires des élections dans un délai défini par la loi ;
    d. Promulguer les arrangements, le code de conduite et les détails techniques, y compris l’emplacement des bureaux de vote et les heures auxquelles ils sont ouverts ;
    e. Recevoir les plaintes concernant le respect des règles électorales et y donner suite.
    f. Les décisions de la Commission sont sans appel ;
    g. Veiller, en appliquant des règles appropriées, à ce que les campagnes électorales ne se déroulent de manière à inciter à la violence ethnique ou de toute autre manière contraire à la présente Constitution ;
    h. Assurer le respect des dispositions de la présente Constitution relatives à la multiethnicité et au genre et connaître des contestations à cet égard. (Art. 92)
Head of State
  • English
    The President of the Republic is the Head of the executive power. … (Art. 93)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ni we atwara Ubutegetsi nshingwabikorwa. … (Art. 93)
  • French
    Le Président de la République est le chef du pouvoir exécutif. … (Art. 93)
Head of State
  • English
    The President of the Republic, Head of the State, incarnates the national unity, sees to the respect for the Constitution and assures by his arbitration the continuity of the State and the regular functioning of the institutions.
    … (Art. 96)
  • Kirundi
    Umukuru wa Republika akaba Umukuru w’igihugu niwe fatiro ry’ubumwe bw’abarundi, ategerezwa kubahiriza Ibwirizwa shingiro akubahiriza ko ubuzima bw’igihugu bubandanya kandi ko inzego z’igihugu ziguma zikora neza.
    … (Ingingo ya 96)
  • French
    Le Président de la République, Chef de l’Etat, incarne l’unité nationale, veille au respect de la Constitution et assure par son arbitrage la continuité de l’Etat et le fonctionnement régulier des institutions.
    … (Art. 96)
Head of State
  • English
    The President of the Republic is elected by universal direct suffrage for a mandate of seven years renewable.
    … (Art. 97)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu yitorerwa n’abarundi bo nyene ubwabo, akamara muri iryo banga ikiringo c’imyaka indwi gishobora kwisubiriza.
    … (Ingingo ya 97)
  • French
    Le Président de la République est élu au suffrage universel direct pour un mandat de sept ans renouvelable.
    … (Art. 97)
Head of State
  • English
    The candidate for the functions of President of the Republic must:
    1. Have the quality of elector within the conditions specified by the electoral law;
    2. Solely enjoy the Burundian nationality of origin [d’origine];
    3. Be already [révolus] forty years old at the moment of the election;
    4. Reside on the territory of Burundi at the moment of the presentation of their candidature;
    5. Enjoy all their civil and political rights;
    6. Subscribe to the Constitution and to the Charter of National Unity.
    … (Art. 98)
  • Kirundi
    Uwitoza mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu ategerezwa:
    1. Kuba afise uburenganzira bwo gutora nk’uko bitegekanijwe n’Ibwirizwa rigenga amatora ;
    2. Kuba afise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye;
    3. Kuba akwije imyaka mirongo ine igihe c’amatora ;
    4. Kuba aba mu Burundi igihe yiyandikisha ngo yitoze ;
    5. Kuba ata kimubuza kurangura amabanga y’igihugu n’ayaporitike;
    6. Kwemeza mu rwandiko ko azokwisunga Ibwirizwa Shingiro n’Amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi.
    … (Ingingo ya 98)
  • French
    Le candidat aux fonctions de Président de la République doit:
    1. Avoir la qualité d’électeur dans les conditions précisées par la loi électorale ;
    2. Jouir uniquement de la nationalité burundaise d’origine;
    3. Etre âgé de quarante ans révolus au moment de l’élection;
    4. Résider sur le territoire du Burundi au moment de la présentation de sa candidature;
    5. Jouir de tous ses droits civils et politiques ;
    6. Souscrire à la Constitution et à la Charte de l’Unité Nationale.
    … (Art. 98)
Head of State
  • English
    The candidates may be presented by the political parties or the coalitions of the political parties or present themselves as [en qualité de] independents.
    … (Art. 99)
  • Kirundi
    Abitoza mw’ibanga ry’Umukuru w’Igihugu bashobora gushikirizwa n’imigambwe yabo canke inani z’imigambwe canke bakitoza ku giti cabo.
    … (Ingingo ya 99)
  • French
    Les candidats peuvent être présentés par les partis politiques ou les coalitions des partis politiques ou se présenter en qualité d’indépendants.
    … (Art. 99)
Head of State
  • English
    Every candidacy to the presidential elections must be supported [parrainée] by a group of two hundred persons formed taking into account the ethnic and gender components.
    The members of the supporting group [groupe de parrainage] must themselves meet the fundamental conditions [conditions de fond] required for eligibility in the general elections. (Art. 100)
  • Kirundi
    Uwitoza mw’ibanga ry’Umukuru w’igihugu ategerezwa guhagarikirwa n’umurwi w’abantu amajana abiri atoye bava mu moko yose n’ibitsina vyose.
    Abo bantu bamuhagarikira bategerezwa kuba bakwije ibisabwa abashaka kwitoza mw’ibanga ry’abashingamateka. (Ingingo ya 100)
  • French
    Chaque candidature aux élections présidentielles doit être parrainée par un groupe de deux cents personnes formé en tenant compte des composantes ethniques et du genre.
    Les membres du groupe de parrainage doivent eux-mêmes réunir les conditions de fond requises pour l’éligibilité aux élections législatives. (Art. 100)
Vice-President
  • English
    The President of the Republic is the Head of the executive power. He is assisted in his functions by a Vice President of the Republic. (Art. 93)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ni we atwara Ubutegetsi nshingwabikorwa. Yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu mu kurangura amabanga ashinzwe. (Art. 93)
  • French
    Le Président de la République est le chef du pouvoir exécutif. Il est assisté dans ses fonctions par le Vice-Président de la République. (Art. 93)
Vice-President
  • English
    In the exercise of his functions, the President of the Republic is assisted by the Vice President of the Republic. (Art. 122)
  • Kirundi
    Mu kurangura amabanga y’igihugu, Umukuru w’Igihugu yunganirwa n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 122)
  • French
    Dans l’exercice de ses fonctions, le Président de la République est assisté par le Vice-Président de la République. (Art. 122)
Vice-President
  • English
    The Vice President is appointed by the President of the Republic after prior approval of his candidature by the National Assembly and the Senate voting separately and with an absolute majority of their members. He is chosen from among the elected [candidates] and must solely enjoy the Burundian nationality of origin.
    … (Art. 123)
  • Kirundi
    Icegera c’Umukuru w’Igihugu agenwa n’Umukuru w’Igihugu abanje kwemezwa n’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ku majwi arenga ica kabiri c’abatoye, urwego rwose rutorera ukwarwo. Icegera c’Umukuru w’Igihugu ashimwa mu batowe.
    … (Ingingo ya 123)
  • French
    Le Vice-Président est nommé par le Président de la République après approbation préalable de sa candidature par l’Assemblée Nationale et le Sénat votant séparément et à la majorité absolue de leurs membres. Il est choisi parmi les élus.
    … (Art. 123)
Vice-President
  • English
    The President of the Republic and the Vice President belong to different ethnic groups, political parties and coalitions of political parties or [are] independents of different ethnicities. (Art. 124)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ava mu bwoko canke mu migambwe, mu nani z’imigambwe canke mu bitoje ku giti cabo bitandukanye n’ivy’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 124)
  • French
    Le Président de la République, et le Vice-Président appartiennent aux groupes ethniques, aux partis politiques et indépendants différents. (Art. 124)
Government
  • English
    The President of the Republic, on a proposal of the Prime Minister, in consultation with the Vice President, appoints the members of the Government and terminates their functions. (Art. 109)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ni we agena akongera akabogoza abagize urwego nshikiranganji abanje kugisha inama Icegera c’Umukuru w’Igihugu n’Umushikiranganji wa Mbere. (Art. 109)
  • French
    Le Président de la République, en consultation avec le Vice-Président et le Premier Ministre, nomme les membres du Gouvernement et met fin à leurs fonctions. (Art. 109)
Government
  • English
    The Government includes the Prime Minister and the other Ministers. It is open to all the ethnic components. It includes at most 60% of Hutu Ministers and at most 40% of Tutsi Ministers. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 128)
  • Kirundi
    Reta igizwe n’Umushikiranganji wa Mbere, n’abandi bashikiranganji. Ubwoko bwose burafise uburenganzira bwo kuja mu rwego nshikiranganji. Urwego nshikiranganji rugizwe n’ibice bitarenga 60 % vy’abashikiranganji b’abahutu n’ibice bitarenga 40 % vy’abashikiranganji b’abatutsi. Haba harimwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi. (Ingingo ya 128)
  • French
    Le Gouvernement comprend le Premier Ministre et les autres ministres. Il est ouvert à toutes les composantes ethniques. Il comprend au plus 60% de Ministres Hutu et au plus 40% de Ministres Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 128)
Government
  • English
    The activities of the Government are coordinated by a Prime Minister appointed by the President of the Republic, after prior approval of his candidature by the National Assembly and the Senate voting separately and with an absolute majority of their members.
    The Prime Minister must solely enjoy the Burundian nationality of origin. (Art. 130)
  • Kirundi
    Ibikorwa vya Reta bikurikiranirwa hafi n’Umushikiranganji wa Mbere agenwa n’Umukuru w’Igihugu, abanje kwemezwa n’abagize Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka bamwe bose bagatora ukwabo ku bice birenga ica kabiri c’abatoye.
    Umushikiranganji wa Mbere ategerezwa kuba afise ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye. (Ingingo ya 130)
  • French
    Les activités du Gouvernement sont coordonnées par un Premier Ministre nommé par le Président de la République, après approbation préalable de sa candidature par l’Assemblée Nationale et le Sénat votant séparément et à la majorité absolue de leurs membres.
    Le Premier Ministre doit jouir uniquement de la nationalité Burundaise d’origine. (Art. 130)
Legislature
  • English
    The legislative power is exercised by the Parliament which includes two chambers: the National Assembly and the Senate.
    The members of the National Assembly bear the title of Deputy; those of the Senate bear the title of Senator.
    No one may belong at the same time to the National Assembly and to the Senate. (Art. 152)
  • Kirundi
    Ubutegetsi nshingamateka bugizwe n’urwego rurimwo ibisata bibiri: Inama nshingamateka n’Inama nkenguzamateka.
    Abagize urwo rwego, bamwe ni abashingamateka, abandi ni abakenguzamateka.
    Nta muntu n’umwe arekuriwe kuba mu Nama nshingamateka hamwe no mu Nama nkenguzamateka. (Ingingo ya 152)
  • French
    Le pouvoir législatif est exercé par le Parlement qui comprend deux chambres : l’Assemblée Nationale et le Sénat.
    Les membres de l’Assemblée Nationale portent le titre de député ; ceux du Sénat portent le titre de sénateur.
    Nul ne peut appartenir à la fois à l’Assemblée Nationale et au Sénat. (Art. 152)
Legislature
  • English
    The National Assembly is composed of at least one hundred Deputies on the basis of 60% of Hutu and of 40% of Tutsi, including a minimum of 30% of women, elected by universal direct suffrage for a mandate of five years[,] and of three Deputies originating from the Twa ethnicity co-opted in accordance with the electoral code.
    In the case where the results of the vote do not reflect the percentages above specified [visés], it [then] proceeds to redress the corresponding [afférents] disequilibrium by means of the mechanism of co-optation provided for by the electoral code.
    The number of candidates to be elected per circumscription is established by the electoral law proportionally to the population. (Art. 169)
  • Kirundi
    Inama nshingamateka igizwe n’imiburiburi n’abashingamateka ijana barimwo 60 % b’abahutu na 40 % b’abatutsi, bose hamwe harimwo n’imiburiburi abashingamateka b’abakenyezi 30 % batowe n’abanyagihugu bagatorerwa ikiringo c’imyaka itanu harimwo n’abashingamateka batatu b’Abatwa bongeweko nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
    Iyo biboneka ko mu vyavuye mu matora ibitigiri bivugwa mu korongo ka mbere k’iyi ngingo bitashitse, birakosorwa biciye mu buryo bwo kugena abandi bashingamateka nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
    Igitigiri c’abashingamateka batorwa mu ntara imwe imwe gishingwa n’Ibwirizwa bafatiye ku gitigiri c’abanyagihugu baba muri iyo ntara. (Ingingo ya 169)
  • French
    L’Assemblée nationale est composée d’au moins cent députés à raison de 60% de Hutu et de 40% de Tutsi, y compris un minimum de 30% de femmes, élus au suffrage universel direct pour un mandat de cinq ans et de trois députés issus de l’ethnie Twa cooptés conformément au code électoral.
    Au cas où les résultats du vote ne reflètent pas les pourcentages sus-visés, il est procédé au redressement des déséquilibres y afférents au moyen du mécanisme de cooptation prévu par le code électoral.
    Le nombre de candidats à élire par circonscription est fixé par la loi électorale proportionnellement à la population. (Art. 169)
Legislature
  • English
    The candidate to the legislative elections must be of Burundian nationality and origin, be twenty-five years old at least, [and] enjoy all their civil and political rights.
    … (Art. 170)
  • Kirundi
    Uwitoza ngo abe umushingamateka ategerezwa kuba ari umurundi avuka mu Burundi, akaba akwije n’imiburiburi imyaka mirongo ibiri n’itanu y’amavuka, akaba arekuriwe amateka y’ubwigenge na ya politike.
    … (Ingingo ya 170)
  • French
    Le candidat aux élections législatives doit être de nationalité et d’origine burundaises, être âgé de vingt-cinq ans au moins, jouir de tous ses droits civils et politiques.
    … (Art. 170)
Legislature
  • English
    The candidates to the legislative elections may be presented by the political parties or present themselves as [en qualité de] independents as [tel que] defined by Article 99 of this Constitution. (Art. 171)
  • Kirundi
    Abitoza kuba abashingamateka batangwa n’imigambwe canke bakitoza kugatwe kabo nkuko bitegekanijwe n’ingingo ya 99 y’iri bwirizwa shingiro. (Ingingo ya 171)
  • French
    Les candidats aux élections législatives peuvent être présentés par les partis politiques ou se présenter en qualité d’indépendants tel que défini par l’article 99 de la présente Constitution. (Art. 171)
Legislature
  • English
    The elections of the Deputies take place following the ballot of bloc lists [listes bloquées] by proportional representation. These lists must have a multi-ethnic character and take into account the equilibrium between men and women. For three candidates registered together [inscrits à la suite] on a list, only two may belong to the same ethnic group, and at least one in three must be a woman. (Art. 173)
  • Kirundi
    Amatora y’abashingamateka ashingira ku rutonde rwugaye rw’amazina rwashikirijwe, bagatorwa hisunzwe amajwi baronse. Urutonde rwose rw’ayo mazina rutegerezwa kurangwa n’uko amoko yose yaserukiwe kandi hakaba harimwo abagabo n’abakenyezi. Ku bitoza batatu bari ku rutonde rumwe, babiri gusa ni bo baba basangiye ubwoko kandi n’imiburiburi umwe kuri batatu ategerezwa kuba ari umugore. (Ingingo ya 173)
  • French
    Les élections des députés se déroulement suivant le scrutin des listes bloquées à la représentation proportionnelle. Ces listes doivent avoir un caractère multiethnique et tenir compte de l’équilibre entre les hommes et les femmes. Pour trois candidats inscrits à la suite sur une liste, deux seulement peuvent appartenir au même groupe ethnique, et au moins un sur trois doit être une femme. (Art. 173)
Legislature
  • English
    The candidate to the elections of the Senators must be of Burundian nationality, being already thirty-five years old at the moment of the elections, [and] enjoy all their civil and political rights.
    … (Art. 184)
  • Kirundi
    Uwitoza ngo abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ari umurundi, akaba akwije imyaka mirongo itatu n’itanu y’amavuka ku munsi w’itora, akaba atakimukumira mu mabanga y’igihugu.
    … (Ingingo ya 184)
  • French
    Le candidat aux élections des Sénateurs doit être de nationalité burundaise, être âgé de trente cinq ans révolus au moment de l’élection, jouir de tous ses droits civils et politiques.
    … (Art. 184)
Legislature
  • English
    The Senate is composed of:
    1) Two delegates from each province, elected by an electoral college composed of members of the Communal Councils of the considered province, originating from different ethnic communities and elected by distinct ballots;
    2) Three persons originating from the Twa ethnicity;
    A minimum of 30% of women is assured. The electoral law determines the practical modalities of it, with co-optation the case arising. (Art. 185)
  • Kirundi
    Abagize Inama nkenguzamateka ni aba:
    1° abantu babiri baserukira intara imwe imwe batowe n’abaserukira abandi mu makomine agize iyo ntara bo mu moko adasa kandi badatorewe ku rutonde rumwe;
    2° abantu batatu bo mu bwoko bw’abatwa;
    Mu bagize Inama Nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore. Ibwirizwa rigenga amatora rirerekana ingene bigenda mukubishira mu ngiro bikenewe hakongerwako kugira ibitigiri bikwire. (Ingingo ya 185)
  • French
    Le Sénat est composé de :
    1° Deux délégués de chaque province, élus par un collège électoral composé de membres des Conseils communaux de la province considérée, provenant de communautés ethniques différentes et élus par des scrutins distincts;
    2° Trois personnes issues de l’ethnie Twa;
    Il est assuré un minimum de 30% de femmes. La loi électorale en détermine les modalités pratiques, avec cooptation le cas échéant. (Art. 185)
1

Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018 (English), available in HeinOnline World Constitutions Illustrated Library (2024). According to Art. 5: “The national language is Kirundi. The official languages are Kirundi and all other languages determined by the law. All the legislative texts must have their version in Kirundi.”

Links to all sites last visited 8 February 2024