Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    All Burundians are equal in merits and in dignity. All citizens enjoy the same rights and have right to the same protection of the law. No Burundian may be excluded from the social, economical or political life of the nation because of their race, of their language, of their religion, of their sex or of their ethnic origin. (Art. 13)
  • Kirundi
    Abarundi bose baranganya iteka n’ivyo bakwiye kuronka. Abanyagihugu bose baranganya amateka kandi amabwirizwa abakingira kumwe. Nta murundi n’umwe azokumirwa mu vyerekeye imibano, ubutunzi canke intwaro y’igihugu kubera ibara ry’urukoba, ururimi, idini, igitsina canke ubwoko vyiwe. (Ingingo ya 13)
  • French
    Tous les burundais sont égaux en mérite et en dignité. Tous les citoyens jouissent des mêmes droits et ont droit à la même protection de la loi. Aucun burundais ne sera exclu de la vie sociale, économique ou politique de la nation du fait de sa race, de sa langue, de sa religion, de son sexe ou de son origine ethnique. (Art. 13)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    The Burundian Government must be composed so that all Burundians are represented in it and that it represents them all; that each has equal opportunities to be a part of it; that all citizens have access to the public services and that the decisions and the actions of the Government obtain the largest possible support. (Art. 16)
  • Kirundi
    Leta y’Uburundi itegerezwa kuringanizwa ku buryo abarundi bose bayiserukirwamwo nayo ikabaserukira bose ; arundi bose baranganya uburenganzira bwo kuja muri Leta ; abanyagihugubose barafise uburenganzira bwo gushikira abo bakeneye bajejwe imirimo ya Leta kandi ingingo n’ibirangurwa na Leta bigashigikirwa na benshi (Ingingo ya 16)
  • French
    Le Gouvernement burundais doit être composé de sorte que tous les burundais y soient représentés et qu’il les représente tous; que chacun ait des chances égales d’en faire partie; que tous les citoyens aient accès aux services publics et que les décisions et les actions du Gouvernement recueillent le plus large soutien possible. (Art. 16)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    Every Burundian has the right to participate, either directly, or indirectly through their representatives, in the direction and in the administration [gestion] of the affairs of the State, under reserve of the legal conditions, notably of age and of capacity.
    Every Burundian has equally the right to accede to the public functions of their country. (Art. 51)
  • Kirundi
    Umurundi wese arafise ijambo mu vyerekeye intwaro no mu gutunganya ivy’igihugu, yiserukiye we nyene canke aciye ku bamuserukira ariko bidateye kubiri n’amabwirizwa abitegekanya nk’ayerekeye imyaka y’amavuka n’ayerekana ababikwiye.
    Umurundi wese arashobora kandi gushingwa amabanga y’igihugu ciwe. (Ingingo ya 51)
  • French
    Tout burundais a le droit de participer, soit directement, soit indirectement par ses représentants, à la direction et à la gestion des affaires de l’Etat sous réserve des conditions légales, notamment d’âge et de capacité.
    Tout burundais a également le droit d’accéder aux fonctions publiques de son pays. (Art. 51)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    The members of the Government make or propose the appointments in the public administration and to the diplomatic posts taking into account the necessity to maintain an ethnic, regional, political and gender equilibrium. (Art. 140)
  • Kirundi
    Abagize Leta nibo bagena canke bagashikiriza abagenwa mu mabanga y’intwaro mu gihugu hamwe n’abaserukira Uburundi mu makungu bisunze kunganisha amoko, intara, imigambwe n’ibitsina. (Ingingo ya 140)
  • French
    Les membres du Gouvernement font ou proposent les nominations dans l’administration publique et aux postes diplomatiques en prenant en compte la nécessité de maintenir un équilibre ethnique, régional, politique et entre les genres. (Art. 140)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    The Administration is largely representative of the Burundian Nation and must reflect the diversity of its components. The practices that it observes in the matter of employment are founded on objective and equitable criteria of aptitude as well as on the necessity to correct the disequilibrium and to assure a wide ethnic, regional and gender representation. The ethnic representation in the public enterprises is provided on the basis of 60% at most for the Hutu and 40% at most for the Tutsi. (Art. 148)
  • Kirundi
    Mu ntwaro, abarundi bose bategerezwa kuba baserukiwe bikwiye mu budasa bwa bo. Ugutanga akazi gutegerezwa kwisunga ko abakarondera bakwije ibisabwa n’amategeko hakurikijwe ubutungane n’ukwitwararika gukosora ivyerekeye urugero rw’ingene abanyagihugu baserukirwa, bikaringanizwa mu buryo abanyagihugu bo mu moko yose, intara zose n’ibitsina baserukirwa. Mu mashirahamwe ya Leta, ubwoko bw’abahutu buserukirwa ku rugero rw’ibice bitarenga 60 %, ubwoko bw’abatutsi bugaserukirwa ku rugero rw’ibice bitarenga 40 %. (Ingingo ya 148)
  • French
    L’Administration est largement représentative de la nation burundaise et doit refléter la diversité de ses composantes. Les pratiques qu’elle observe en matière d’emploi sont fondées sur des critères d’aptitude objectifs et équitables ainsi que sur la nécessité de corriger les déséquilibres et d’assurer une large représentation ethnique, régionale et de genre. La représentation ethnique dans les entreprises publiques est pourvue à raison de 60% au plus pour les Hutu et 40% au plus pour les Tutsi. (Art. 148)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    No agent of the public administration or of the judicial apparatus of the State may benefit from a treatment of favor nor be made the object of partial treatment on the sole motive of their sex, of their ethnic or regional origin or of their political affiliation. (Art. 150)
  • Kirundi
    Nta mukozi wa Leta canke uwo mu gisata kijejwe guca imanza yofatwa neza gusumba abandi canke ngo arenganywe bafatiye gusa ku gitsina, ubwoko, intara canke umugambwe arimwo. (Ingingo ya 150)
  • French
    Aucun agent de l’administration publique ou de l’appareil judiciaire de l’Etat ne peut bénéficier d’un traitement de faveur ni faire l’objet d’un traitement partial au seul motif de son sexe, de son origine ethnique et régional ou de son appartenance politique. (Art. 150)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    The Senate is provided with the following competences:

    5. Controlling the application of the constitutional provisions by demanding [exigeant] the ethnic and gender representativeness and the equilibrium within all the structures and institutions of the State, notably the public administration and the Corps of Defense and of Security;
    … (Art. 192)
  • Kirundi
    Inama nkenguzamateka ifise ububasha bukurikira:

    5. kugenzura ko ibitegekanijwe n’Ibwirizwa shingiro vyerekeye ingene amoko n’ibitsina biserukiwe bikwiye mu nzego zose za Leta na cane cane mu kazi ka Leta, mu ntwaramiheto no mu bajejwe umutekano ;
    … (Ingingo ya 192)
  • French
    Le Sénat est doté des compétences suivantes :

    5. Contrôler l’application des dispositions constitutionnelles exigeant la représentativité ethnique et de genre et l’équilibre dans toutes les structures et les institutions de l’Etat notamment l’administration publique et les corps de défense et de sécurité ;
    … (Art. 192)
Participation in Public Life and Institutions
  • English

    The procedures of recruitment and appointment in the judicial corps submit [obéissant] imperatively to the concern [souci] to promote regional [and] ethnic equilibrium and the equilibrium of genders.
    The Magistrature includes at most 60% of Hutu and at most 40% of Tutsi. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 213)
  • Kirundi

    Mu gutanga akazi no mu kugena abayobozi mu rwego rw’abacamanza, hategerezwa gucungerwa ko hitwararitswe kunganisha intara, ubwoko, n’ibitsina.
    Urwego rw'abacamanza rugizwe n'ibice bitarenga 60% vy'Abahutu n'ibice bitarenga 40% vy'Abatutsi Hategerezwa kubamwo n'imiburiburi ibice 30% vy'abagore. (Ingingo ya 213)
  • French

    Les procédures de recrutement et nomination dans le corps judiciaire obéissent impérativement au souci de promouvoir l’équilibre régional, ethnique et l’équilibre entre genres.
    La magistrature comprend au plus 60% de Hutu et au plus 40% de Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 213)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    The Superior Council of the Magistrature is equilibrated on the ethnic [and] regional plane and between genders.
    … (Art. 222)
  • Kirundi
    Mu bagize Inama nkuru y’abacamanza hategerezwa gucungerwa ko ata bwoko, ata ntara, ata gitsina vyakumiriwe kandi hakaba ukunganisha.
    … (Ingingo ya 222)
  • French
    Le Conseil Supérieur de la Magistrature est équilibré sur le plan ethnique, régional et entre les genres.
    … (Art. 222)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    The Corps of Defense and of Security develop within them [en leur sein] a non-discriminatory, non-ethnicist and non-sexist culture. (Art. 253)
  • Kirundi
    Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano n’urwego rw’iperereza zitegerezwa gukomeza hagati y’abazigize ingendo yo kudakumirana, kutavangura amoko n’ibitsina. (Ingingo ya 253)
  • French
    Les corps de défense et de sécurité développent en leur sein une culture non discriminatoire, non ethniste et non sexiste. (Art. 253)
Participation in Public Life and Institutions
  • English
    The State has the duty to put in place a policy of reforms pertinent to matters of defense and of security that reinforces the unity and the cohesion of the Burundian People, notably by assuring the necessary ethnic, regional and gender equilibriums. (Art. 261)
  • Kirundi
    Leta itegerezwa gushinga umugambi wo guhindura biboneka ivyerekeye kurwanira n’ugucungera umutekano bituma ubumwe n’umwumvikano w’abanyagihugu bikomera cane cane ku kuwurangura ku buryo abarundi bose bo mu moko yose, intara zose n’ibitsina vyose baserukirwa muri izo nzego. (Ingingo ya 261)
  • French
    L’Etat a le devoir de mettre en place une politique des réformes pertinentes en matière de défense et de sécurité qui renforce l’unité et la cohésion du peuple burundais, notamment en assurant les équilibres ethniques, régionaux et de genres nécessaires. (Art. 261)
1

Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018 (English), available in HeinOnline World Constitutions Illustrated Library (2024). According to Art. 5: “The national language is Kirundi. The official languages are Kirundi and all other languages determined by the law. All the legislative texts must have their version in Kirundi.”

Links to all sites last visited 8 February 2024