Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018
Minorities
  • English

    Reaffirming our engagement to construct a political order and a system of Government inspired by the realities of our country and founded on the values of justice, of democracy, of good governance, of pluralism, of respect for the fundamental freedoms and rights of the individual, of unity, of solidarity, of mutual understanding, of tolerance and of cooperation between the different ethnic groups of our society;
    … (Preamble)
  • Kirundi

    Dusubiriye kwiyemeza gushiraho ingendo ya poritike n’intwaro bifatiye ku mico n’akaranga k’igihugu cacu kandi bifatiye ku butungane, ku ntwaro rusangi, ku ntwaro ibereye, ku migambwe myinshi, ku kwishira n’ukwizana kw’umuntu wese, ugushigikirana n’umwumvikano wa bose, ukwihanganirana n’ugufashanya hagati y’ubwoko butandukanye bugize igihugu cacu;
    … (Intangamara)
  • French
    ...
    Réaffirmant notre engagement à construire un ordre politique et un système de gouvernement inspirés des réalités de notre pays et fondés sur les valeurs de justice, de démocratie, de bonne gouvernance, de pluralisme, de respect des libertés et des droits fondamentaux de l’individu, de l’unité, de solidarité, de compréhension mutuelle, de tolérance et de coopération entre les différents groupes ethniques de notre société ;
    … (Preambule)
Minorities
  • English
    All Burundians are equal in merits and in dignity. All citizens enjoy the same rights and have right to the same protection of the law. No Burundian may be excluded from the social, economical or political life of the nation because of their race, of their language, of their religion, of their sex or of their ethnic origin. (Art. 13)
  • Kirundi
    Abarundi bose baranganya iteka n’ivyo bakwiye kuronka. Abanyagihugu bose baranganya amateka kandi amabwirizwa abakingira kumwe. Nta murundi n’umwe azokumirwa mu vyerekeye imibano, ubutunzi canke intwaro y’igihugu kubera ibara ry’urukoba, ururimi, idini, igitsina canke ubwoko vyiwe. (Ingingo ya 13)
  • French
    Tous les burundais sont égaux en mérite et en dignité. Tous les citoyens jouissent des mêmes droits et ont droit à la même protection de la loi. Aucun burundais ne sera exclu de la vie sociale, économique ou politique de la nation du fait de sa race, de sa langue, de sa religion, de son sexe ou de son origine ethnique. (Art. 13)
Minorities
  • English
    The President of the Republic and the Vice President belong to different ethnic groups, political parties and coalitions of political parties or [are] independents of different ethnicities. (Art. 124)
  • Kirundi
    Umukuru w’Igihugu ava mu bwoko canke mu migambwe, mu nani z’imigambwe canke mu bitoje ku giti cabo bitandukanye n’ivy’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 124)
  • French
    Le Président de la République, et le Vice-Président appartiennent aux groupes ethniques, aux partis politiques et indépendants différents. (Art. 124)
Minorities
  • English
    The Government includes the Prime Minister and the other Ministers. It is open to all the ethnic components. It includes at most 60% of Hutu Ministers and at most 40% of Tutsi Ministers. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 128)
  • Kirundi
    Reta igizwe n’Umushikiranganji wa Mbere, n’abandi bashikiranganji. Ubwoko bwose burafise uburenganzira bwo kuja mu rwego nshikiranganji. Urwego nshikiranganji rugizwe n’ibice bitarenga 60 % vy’abashikiranganji b’abahutu n’ibice bitarenga 40 % vy’abashikiranganji b’abatutsi. Haba harimwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi. (Ingingo ya 128)
  • French
    Le Gouvernement comprend le Premier Ministre et les autres ministres. Il est ouvert à toutes les composantes ethniques. Il comprend au plus 60% de Ministres Hutu et au plus 40% de Ministres Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 128)
Minorities
  • English
    The members of the Government make or propose the appointments in the public administration and to the diplomatic posts taking into account the necessity to maintain an ethnic, regional, political and gender equilibrium. (Art. 140)
  • Kirundi
    Abagize Leta nibo bagena canke bagashikiriza abagenwa mu mabanga y’intwaro mu gihugu hamwe n’abaserukira Uburundi mu makungu bisunze kunganisha amoko, intara, imigambwe n’ibitsina. (Ingingo ya 140)
  • French
    Les membres du Gouvernement font ou proposent les nominations dans l’administration publique et aux postes diplomatiques en prenant en compte la nécessité de maintenir un équilibre ethnique, régional, politique et entre les genres. (Art. 140)
Minorities
  • English
    The Administration is largely representative of the Burundian Nation and must reflect the diversity of its components. The practices that it observes in the matter of employment are founded on objective and equitable criteria of aptitude as well as on the necessity to correct the disequilibrium and to assure a wide ethnic, regional and gender representation. The ethnic representation in the public enterprises is provided on the basis of 60% at most for the Hutu and 40% at most for the Tutsi. (Art. 148)
  • Kirundi
    Mu ntwaro, abarundi bose bategerezwa kuba baserukiwe bikwiye mu budasa bwa bo. Ugutanga akazi gutegerezwa kwisunga ko abakarondera bakwije ibisabwa n’amategeko hakurikijwe ubutungane n’ukwitwararika gukosora ivyerekeye urugero rw’ingene abanyagihugu baserukirwa, bikaringanizwa mu buryo abanyagihugu bo mu moko yose, intara zose n’ibitsina baserukirwa. Mu mashirahamwe ya Leta, ubwoko bw’abahutu buserukirwa ku rugero rw’ibice bitarenga 60 %, ubwoko bw’abatutsi bugaserukirwa ku rugero rw’ibice bitarenga 40 %. (Ingingo ya 148)
  • French
    L’Administration est largement représentative de la nation burundaise et doit refléter la diversité de ses composantes. Les pratiques qu’elle observe en matière d’emploi sont fondées sur des critères d’aptitude objectifs et équitables ainsi que sur la nécessité de corriger les déséquilibres et d’assurer une large représentation ethnique, régionale et de genre. La représentation ethnique dans les entreprises publiques est pourvue à raison de 60% au plus pour les Hutu et 40% au plus pour les Tutsi. (Art. 148)
Minorities
  • English
    The National Assembly is composed of at least one hundred Deputies on the basis of 60% of Hutu and of 40% of Tutsi, including a minimum of 30% of women, elected by universal direct suffrage for a mandate of five years[,] and of three Deputies originating from the Twa ethnicity co-opted in accordance with the electoral code.
    ... (Art. 169)
  • Kirundi
    Inarna nshingamateka igizwe n’imiburiburi n’abashingamateka ijana barimwo 60 % b’abahutu na 40 % b’abatutsi, bose hamwe harimwo n’imiburiburi abashingamateka b’abakenyezi 30 % batowe n’abanyagihugu bagatorerwa ikiringo c’imyaka itanu harimwo n’abashingamateka batatu b’Abatwa bongeweko nk’uko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya.
    ... (Ingingo ya 169)
  • French
    L’Assemblée nationale est composée d’au moins cent députés à raison de 60% de Hutu et de 40% de Tutsi, y compris un minimum de 30% de femmes, élus au suffrage universel direct pour un mandat de cinq ans et de trois députés issus de l’ethnie Twa cooptés conformément au code électoral.
    ... (Art. 169)
Minorities
  • English
    The elections of the Deputies take place following the ballot of bloc lists [listes bloquées] by proportional representation. These lists must have a multi-ethnic character and take into account the equilibrium between men and women. For three candidates registered together [inscrits à la suite] on a list, only two may belong to the same ethnic group, and at least one in three must be a woman. (Art. 173)
  • Kirundi
    Amatora y’abashingamateka ashingira ku rutonde rwugaye rw’amazina rwashikirijwe, bagatorwa hisunzwe amajwi baronse. Urutonde rwose rw’ayo mazina rutegerezwa kurangwa n’uko amoko yose yaserukiwe kandi hakaba harimwo abagabo n’abakenyezi. Ku bitoza batatu bari ku rutonde rumwe, babiri gusa ni bo baba basangiye ubwoko kandi n’imiburiburi umwe kuri batatu ategerezwa kuba ari umugore. (Ingingo ya 173)
  • French
    Les élections des députés se déroulement suivant le scrutin des listes bloquées à la représentation proportionnelle. Ces listes doivent avoir un caractère multiethnique et tenir compte de l’équilibre entre les hommes et les femmes. Pour trois candidats inscrits à la suite sur une liste, deux seulement peuvent appartenir au même groupe ethnique, et au moins un sur trois doit être une femme. (Art. 173)
Minorities
  • English
    The Senate is composed of:
    1) Two delegates from each province, elected by an electoral college composed of members of the Communal Councils of the considered province, originating from different ethnic communities and elected by distinct ballots;
    2) Three persons originating from the Twa ethnicity;
    A minimum of 30% of women is assured. The electoral law determines the practical modalities of it, with co-optation the case arising. (Art. 185)
  • Kirundi
    Abagize Inama nkenguzamateka ni aba:
    1° abantu babiri baserukira intara imwe imwe batowe n’abaserukira abandi mu makomine agize iyo ntara bo mu moko adasa kandi badatorewe ku rutonde rumwe;
    2° abantu batatu bo mu bwoko bw’abatwa;
    Mu bagize Inama Nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore. Ibwirizwa rigenga amatora rirerekana ingene bigenda mukubishira mu ngiro bikenewe hakongerwako kugira ibitigiri bikwire. (Ingingo ya 185)
  • French
    Le Sénat est composé de :
    1° Deux délégués de chaque province, élus par un collège électoral composé de membres des Conseils communaux de la province considérée, provenant de communautés ethniques différentes et élus par des scrutins distincts;
    2° Trois personnes issues de l’ethnie Twa;
    Il est assuré un minimum de 30% de femmes. La loi électorale en détermine les modalités pratiques, avec cooptation le cas échéant. (Art. 185)
Minorities
  • English
    The Senate is provided with the following competences:

    5. Controlling the application of the constitutional provisions by demanding [exigeant] the ethnic and gender representativeness and the equilibrium within all the structures and institutions of the State, notably the public administration and the Corps of Defense and of Security;
    … (Art. 192)
  • Kirundi
    Inama nkenguzamateka ifise ububasha bukurikira:

    5. kugenzura ko ibitegekanijwe n’Ibwirizwa shingiro vyerekeye ingene amoko n’ibitsina biserukiwe bikwiye mu nzego zose za Leta na cane cane mu kazi ka Leta, mu ntwaramiheto no mu bajejwe umutekano ;
    … (Ingingo ya 192)
  • French
    Le Sénat est doté des compétences suivantes :

    5. Contrôler l’application des dispositions constitutionnelles exigeant la représentativité ethnique et de genre et l’équilibre dans toutes les structures et les institutions de l’Etat notamment l’administration publique et les corps de défense et de sécurité ;
    … (Art. 192)
Minorities
  • English

    The procedures of recruitment and appointment in the judicial corps submit [obéissant] imperatively to the concern [souci] to promote regional [and] ethnic equilibrium and the equilibrium of genders.
    The Magistrature includes at most 60% of Hutu and at most 40% of Tutsi. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 213)
  • Kirundi

    Mu gutanga akazi no mu kugena abayobozi mu rwego rw’abacamanza, hategerezwa gucungerwa ko hitwararitswe kunganisha intara, ubwoko, n’ibitsina.
    Urwego rw'abacamanza rugizwe n'ibice bitarenga 60% vy'Abahutu n'ibice bitarenga 40% vy'Abatutsi Hategerezwa kubamwo n'imiburiburi ibice 30% vy'abagore. (Ingingo ya 213)
  • French

    Les procédures de recrutement et nomination dans le corps judiciaire obéissent impérativement au souci de promouvoir l’équilibre régional, ethnique et l’équilibre entre genres.
    La magistrature comprend au plus 60% de Hutu et au plus 40% de Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 213)
Minorities
  • English
    The Superior Council of the Magistrature is equilibrated on the ethnic [and] regional plane and between genders.
    … (Art. 222)
  • Kirundi
    Mu bagize Inama nkuru y’abacamanza hategerezwa gucungerwa ko ata bwoko, ata ntara, ata gitsina vyakumiriwe kandi hakaba ukunganisha.
    … (Ingingo ya 222)
  • French
    Le Conseil Supérieur de la Magistrature est équilibré sur le plan ethnique, régional et entre les genres.
    … (Art. 222)
Minorities
  • English
    The State has the duty to put in place a policy of reforms pertinent to matters of defense and of security that reinforces the unity and the cohesion of the Burundian People, notably by assuring the necessary ethnic, regional and gender equilibriums. (Art. 261)
  • Kirundi
    Leta itegerezwa gushinga umugambi wo guhindura biboneka ivyerekeye kurwanira n’ugucungera umutekano bituma ubumwe n’umwumvikano w’abanyagihugu bikomera cane cane ku kuwurangura ku buryo abarundi bose bo mu moko yose, intara zose n’ibitsina vyose baserukirwa muri izo nzego. (Ingingo ya 261)
  • French
    L’Etat a le devoir de mettre en place une politique des réformes pertinentes en matière de défense et de sécurité qui renforce l’unité et la cohésion du peuple burundais, notamment en assurant les équilibres ethniques, régionaux et de genres nécessaires. (Art. 261)
Minorities
  • English
    The Corps of Defense and of Security are open without discrimination to all Burundian citizens who desire to be made part of them. Their organization is based on volunteering [volontariat] and on professionalism.
    During a period to be determined by the Senate, the Corps of Defense and of Security may not include more than 50% of the members belonging to a particular ethnic group, taking into account the necessity to assure the ethnic equilibrium and to prevent acts of genocide and coups d’État. (Art. 263)
  • Kirundi
    Inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zakira abanyagihugu bose bashaka kuzinjiramwo atawukumiriwe. Izo nzego zitunganijwe ku buryo zinjirwamwo n’uwubishaka kandi abifitiye ubuhinga n’ubushobozi.
    Mu kiringo gishingwa n’Inama Nkenguzamateka, urwego rw’ukwivuna abansi n’urw’abajejwe umutekano ntizishobora kubamwo abarenga ibice 50 % b’ubwoko bumwe kugira ngo amoko yose aserukirwe, hongere hakingwe ibikorwa bigayitse vy’ihonyabwoko n’ugufata ubutegetsi ku nguvu. (Ingingo ya 263)
  • French
    Les Corps de défense et de sécurité sont ouverts sans discrimination à tous les citoyens burundais désireux d’en faire partie. Leur organisation est basée sur le volontariat et le professionnalisme.
    Pendant une période à déterminer par le Sénat, les Corps de défense et de sécurité ne comptent pas plus de 50% de membres appartenant à un groupe ethnique particulier, compte tenu de la nécessité d’assurer l’équilibre ethnique et de prévenir les actes de génocide et les coups d’Etat. (Art. 263)
Minorities
  • English
    A time period of five years is granted to the Senate to evaluate in order to put an end to or to extend the system of ethnic quotas in the Executive, the Legislative and the Judiciary after the establishment of the institutions issuing from this Constitution. (Art. 289)
  • Kirundi
    Inama Nkenguzamateka ihawe ikiringo c’imyaka itanu hamaze gushirwaho inzego zitegekanijwe n’iri Bwirizwa Shingiro kugira irimbure ivyakozwe hanyuma hakurwe mw’Ibwirizwa Shingiro ingendo ijanye n’ivy’amoko muri Reta, mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka hamwe no mu Rwego rw’Ubutungane. (Art. 289)
  • French
    Un délai de cinq ans est accordé au Sénat pour évaluer afin de mettre fin ou proroger le système de quota ethniques dans l’Exécutif, le Législatif et le Judiciaire après la mise en place des institutions issues de la présente Constitution. (Art. 289)
1

Constitution of the Republic of Burundi 2005, as amended to 2018 (English), available in HeinOnline World Constitutions Illustrated Library (2024). According to Art. 5: “The national language is Kirundi. The official languages are Kirundi and all other languages determined by the law. All the legislative texts must have their version in Kirundi.”

Links to all sites last visited 8 February 2024