SEARCH DATABASE
The Global Gender Equality Constitutional Database is a repository of gender equality related provisions in 194 constitutions from around the world. The Database was updated in partnership with the International Bar Association's Human Rights Institute (IBAHRI) and with support from the Swedish International Development Agency (SIDA) and the Government of Japan. Experience its wealth and depth of information by starting your search now.
ABOUT 127 RESULTS
Marriage and Family Life
Burundi
- EnglishNo one may be made the object of arbitrary interference [immixtion] of their private life, their family, their domicile or their correspondence, or to threats to their honor and to their reputation.
… (Art. 43) - KirundiUmuntu wese arafise uburenganzira bwo gutunganya ivyiwe atawumwinjiriye kubera akarenganyo mu rugo rwiwe, mu twiwe n’abiwe no mu makete yanditse canke yandikiwe. Ntawurekuriwe kandi gukurako urupfasoni umuntu n’ukumwandagaza.
… (Ingingo ya 43) - FrenchNul ne peut faire l’objet d’immixtion arbitraire dans sa vie privée, sa famille, son domicile ou sa correspondance, ni d’atteintes à son honneur et à sa réputation.
… (Art. 43)
Marriage and Family Life
Burundi
- EnglishThe family is the natural base cell of society. Marriage is the legitimate support of it. Family and marriage are placed under the particular protection of the State.
Parents have the natural right and the duty to educate and raise their children. They are supported, in this task, by the State and the public collectivities.
Every child has the right, on the part of their family, of the society and of the State, to the measures of special protection required by their condition as [a] minor. (Art. 30) - KirundiUmuryango ni wo shingiro rya kamere ry’igihugu. Ukwabirana niyo nkingi yawo yemewe n’amategeko. Igihugu gitegerezwa kwitaho bidasanzwe ivyerekeye umuryango no kwabirana.
Abavyeyi basanganywe uburenganzira kama bwo kurera neza abana babo kandi barabitegerezwa. Mu kurangura iryo banga bashigikirwa n’igihugu n’amakomine.
Imiryango, abanyagihugu mbere n’igihugu cose bitegerezwa gukingira bimwe biboneka abana kubera ko bakiri bato. (Ingingo ya 30) - FrenchLa famille est la cellule de base naturelle de la société. Le mariage en est le support légitime. La famille et le mariage sont placés sous la protection particulière de l’Etat.
Les parents ont le droit naturel et le devoir d’éduquer et d’élever leurs enfants. Ils sont soutenus dans cette tâche par l’Etat et les collectivités publiques.
Tout enfant a droit, de la part de sa famille, de la société et de l’Etat, aux mesures de protection spéciale qu’exige sa condition de mineur. (Art. 30)
Marriage and Family Life
Burundi
- EnglishThe freedom to marry is guaranteed, as well as the right to choose his or her partner. Marriage may only be concluded with the free and full consent of the future spouses.
Marriage between two persons of the same sex is prohibited. (Art. 29) - KirundiUburenganzira bwo kwabirana burubahirizwa, co kimwe no kwitorera uwo mwabirana. Ukwabirana gushoboka iyo abashaka kwabirana bavyiyemereye ata gahato.
Ukwabirana kw’abafise igitsina kimwe kurabujijwe. (Ingingo ya 29) - FrenchLa liberté de se marier est garantie, de même que le droit de choisir son ou sa partenaire. Le mariage ne peut être conclu qu’avec le libre et plein consentement des futurs époux.
Le mariage entre deux personnes de même sexe est interdit. (Art. 29)
Marriage and Family Life
Burundi
- EnglishEvery human person has the right to respect of their private life and of their family life, of their domicile and of their personal communications. (Art. 28)
- KirundiUmukenyezi wese, umugabo wese arafise uburenganzira bwo kwubahirizwa mukwigenga mu buzima bwiwe n’ubwo umuryango wiwe, mu rugo rwiwe no mu vyo ayaga n’abandi bimwega. (Ingingo ya 28)
- FrenchToute femme, tout homme a droit au respect de sa vie privée et de sa vie familiale, de son domicile et de ses communications personnelles. (Art. 28)
Marriage and Family Life
Burundi
- English[The following] are of the domain of the law:
…
2° The status of persons and of assets:
…
- matrimonial regimes, inheritance and gifts;
… (Art. 164) - KirundiIbitegerezwa kuringanizwa n’amabwirizwa ni ibi :
…
2° Ivyerekeye amabwirizwa agenga abantu n’ivyabo:
…
– ivyerekeye amatungo y’ababiranye ingene aganzwa, gutorana n’ukugabira amatungo;
… (Ingingo ya 164) - FrenchSont du domaine de la loi :
…
2° Le statut des personnes et des biens :
…
- régimes matrimoniaux, successions et libéralités ;
… (Art. 164)
Marriage and Family Life
Burundi
- EnglishEach Burundian has the duty to preserve the harmonious development of the family and to act [œuvrer] in favor of the cohesion and the respect for that family, to respect at every moment their parents, to nourish them and to assist them in case of necessity. (Art. 66)
- KirundiUmurundi wese ategerezwa gushigikira iterambere ry’umuryango n’ugukora atiziganya kugira ngo uwo muryango ugume ufatanye mu nda kandi ugumane icubahiro. Ategerezwa kwama asonera abamwibarutse, akabaronsa imfugurwa, akabafasha, akabaraba igihe cose bikenewe. (Ingingo ya 66)
- FrenchChaque burundais a le devoir de préserver le développement harmonieux de la famille et d’oeuvrer en faveur de la cohésion et du respect de cette famille, de respecter à tout moment ses parents, de les nourrir et de les assister en cas de nécessité. (Art. 66)
Minorities
Burundi
- EnglishThe Government includes the Prime Minister and the other Ministers. It is open to all the ethnic components. It includes at most 60% of Hutu Ministers and at most 40% of Tutsi Ministers. A minimum of 30% of women is assured. (Art. 128)
- KirundiReta igizwe n’Umushikiranganji wa Mbere, n’abandi bashikiranganji. Ubwoko bwose burafise uburenganzira bwo kuja mu rwego nshikiranganji. Urwego nshikiranganji rugizwe n’ibice bitarenga 60 % vy’abashikiranganji b’abahutu n’ibice bitarenga 40 % vy’abashikiranganji b’abatutsi. Haba harimwo n’imiburiburi ibice 30 % vy’abakenyezi. (Ingingo ya 128)
- FrenchLe Gouvernement comprend le Premier Ministre et les autres ministres. Il est ouvert à toutes les composantes ethniques. Il comprend au plus 60% de Ministres Hutu et au plus 40% de Ministres Tutsi. Il est assuré un minimum de 30% de femmes. (Art. 128)
Minorities
Burundi
- EnglishThe Senate is composed of:
1) Two delegates from each province, elected by an electoral college composed of members of the Communal Councils of the considered province, originating from different ethnic communities and elected by distinct ballots;
2) Three persons originating from the Twa ethnicity;
A minimum of 30% of women is assured. The electoral law determines the practical modalities of it, with co-optation the case arising. (Art. 185) - KirundiAbagize Inama nkenguzamateka ni aba:
1° abantu babiri baserukira intara imwe imwe batowe n’abaserukira abandi mu makomine agize iyo ntara bo mu moko adasa kandi badatorewe ku rutonde rumwe;
2° abantu batatu bo mu bwoko bw’abatwa;
Mu bagize Inama Nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore. Ibwirizwa rigenga amatora rirerekana ingene bigenda mukubishira mu ngiro bikenewe hakongerwako kugira ibitigiri bikwire. (Ingingo ya 185) - FrenchLe Sénat est composé de :
1° Deux délégués de chaque province, élus par un collège électoral composé de membres des Conseils communaux de la province considérée, provenant de communautés ethniques différentes et élus par des scrutins distincts;
2° Trois personnes issues de l’ethnie Twa;
Il est assuré un minimum de 30% de femmes. La loi électorale en détermine les modalités pratiques, avec cooptation le cas échéant. (Art. 185)
Minorities
Burundi
- EnglishThe Corps of Defense and of Security are open without discrimination to all Burundian citizens who desire to be made part of them. Their organization is based on volunteering [volontariat] and on professionalism.
During a period to be determined by the Senate, the Corps of Defense and of Security may not include more than 50% of the members belonging to a particular ethnic group, taking into account the necessity to assure the ethnic equilibrium and to prevent acts of genocide and coups d’État. (Art. 263) - KirundiInzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano zakira abanyagihugu bose bashaka kuzinjiramwo atawukumiriwe. Izo nzego zitunganijwe ku buryo zinjirwamwo n’uwubishaka kandi abifitiye ubuhinga n’ubushobozi.
Mu kiringo gishingwa n’Inama Nkenguzamateka, urwego rw’ukwivuna abansi n’urw’abajejwe umutekano ntizishobora kubamwo abarenga ibice 50 % b’ubwoko bumwe kugira ngo amoko yose aserukirwe, hongere hakingwe ibikorwa bigayitse vy’ihonyabwoko n’ugufata ubutegetsi ku nguvu. (Ingingo ya 263) - FrenchLes Corps de défense et de sécurité sont ouverts sans discrimination à tous les citoyens burundais désireux d’en faire partie. Leur organisation est basée sur le volontariat et le professionnalisme.
Pendant une période à déterminer par le Sénat, les Corps de défense et de sécurité ne comptent pas plus de 50% de membres appartenant à un groupe ethnique particulier, compte tenu de la nécessité d’assurer l’équilibre ethnique et de prévenir les actes de génocide et les coups d’Etat. (Art. 263)
Minorities
Burundi
- EnglishThe President of the Republic and the Vice President belong to different ethnic groups, political parties and coalitions of political parties or [are] independents of different ethnicities. (Art. 124)
- KirundiUmukuru w’Igihugu ava mu bwoko canke mu migambwe, mu nani z’imigambwe canke mu bitoje ku giti cabo bitandukanye n’ivy’Icegera c’Umukuru w’Igihugu. (Ingingo ya 124)
- FrenchLe Président de la République, et le Vice-Président appartiennent aux groupes ethniques, aux partis politiques et indépendants différents. (Art. 124)